IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > RDC: Isanganya ry’indege ryahitanye abantu batandatu

RDC: Isanganya ry’indege ryahitanye abantu batandatu

mardi 30 Kigarama 2014

Indege yo mu bwoko bwa Antonov 4 ASS, yaragize isanganye kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 28 Kigarama 2014, ku musozi wa Kafinda, aho ni nko ku birometero 25 uja i b’’Uvira muri repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Amakuru yatanzwe n’isamiriza ’’Okapi’’ ikorera ngaho nyene muri Congo, iryo sanganya ry’indege ryahitanye abantu bagera kuri batandatu, abo nabo bakaba bari muriyo ndege.

Mwomenya kw’iyo ndege yo mu bwoko bwa Antonov 4 ASS, yari ije iva mu gihugu c’ubuganda aho yagenda igana igisagara ca Pointe-Noire muri Congo, ibanje guhitana ingenzi ku kibuga c’indege ca Bujumbura. Kugera ubu, nta muntu arashobora kumenya ishirahamwe iyo ngede ikorera canke amidondoro yabari muriyo.


Alida SABITEKA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.