IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Ishiramwe ry’ubumwe bwa Afirika UA rigiye gufasha kugarukana (...)

RDC: Ishiramwe ry’ubumwe bwa Afirika UA rigiye gufasha kugarukana amahoro

dimanche 6 Nzero 2013

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afirika rirahumuriza abanyagihugu bo muri Kivu y’amaja ruguru ko rigiye gufasha kugarukana amahoro n’umutekano. Ni mugihe ibiganiro vyasubiye gutangura hagati y’umuhari M23 na Reta ya kongo i kampala muri Uganda.

Iryo shirahamwe UA rimenyesha ko amahoro agiye kugaruka mu karere ka Kivu y’amaja ruguru kamazemwo ingwano haraheze imyaka itari mike . Izigize imisi zivugwa kurusha izindi ni izihuza abasirikare ba Reta n’abagwanyi b’umuhari M23 bagwanya ubutegetsi bwa Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.

Nk’uko vyashikirijwe n’umu komiseri ajejwe ivy’amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afirika UA aho yarari i Goma ku mugwa mukuru w’intara ya Kivu y’amaja ruguru kuri uyu wa kane, ngo hagiye gukorwa ibishoboka vyose kugira amahoro agaruke muri ako karere hongere hatsimbatazwe umutekano urama.

Ramtane Lamamra akaba yarabonanye n’abaserukira ishirahamwe mpuzamakungu ONU aho muri Kongo bari mu rwego rwa MONUSCO hamwe na Julien Paluku, bulamatari wa Kivu y’amaja ruguru. Ahejeje kubonana n’abo bose yaciye aja mu gihugu c’u Rwanda mu ntumbero y’ukuvugana n’abategetsi ba Reta ya Kigali,abo nabo bakaba bagirizwa n’igihugu kibanyi ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, abahinga bo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU n’ibihugu bimwe bimwe vya rutura ko bafasha umuhari wa M23 ugwanya Reta ya Kongo naho bama babihakana.

Uwo araba ibijanye n’amahoro n’umutekano mw’ishairahamwe ry’ubumwe bwa AfIrika UA aremeza ko mu minsi ya vuba abasirikare bo mu gihugu ca Tanzaniya ataho begamiye bakorana n’urwego mpuzamakungu bazoba bashitse mu karere ka Kivu y’amaja ruguru kugira bacungere amahoro n’umutekano.

Ivyo bivuzwe mu gihe kuri uyu wa gatanu ariho hasubira gutangura ibiganiro hagati ya Reta ya Kongo n’abaserukira umuhari wa M23 i kampala muri Uganda . Abagwanyi b’umugwi M23 biyemeje ko inzira y’amahoro bayishigikiye ku neza y’abanyagihugu bama bagwa mu mporero igihe intamabara ziba zisutamye hagati y’abasirikare ba Reta n’abagwanyi b’uwo muhari M23.

Umuvugizi wa M23 Bertrand Bisimwa avuga ariko ko bababajwe n’ukubona umukuru wa M23 Jean Marie Runiga yarafatiwe ibihano n’ishirahamwe mpuzamakugu ONU harimwo ukutarenegna imbibe. Muri uwo muhari bati « Ntidutahura ukuntu Bashar El Assad atwara Siriya amaze amezi arenga 23 yica abantu akaba acidegemvya ariko umukuru wa M23 agawanira inyungu zumvikana bagaca bamufatira ibihano ».


Eloge Willy Kaneza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.