Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC: Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yasavye ko amatora ya (...)
 RDC: Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yasavye ko amatora ya baburamatari yoba imbere y’ayandi yose
 RDC: Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yasavye ko amatora ya baburamatari yoba imbere y’ayandi yose
				
				mercredi 9 Nyakanga 2015
Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo imenyesha ko amatora y’ababuramatari ategerezwa gutunganywa imbere y’amatora y’abashingamateka ku rwego rw’intara.
Yishura ku vyasabwe n’umurwi wigenga ujejwe gutegura amatora CENI,sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro yasavye kuwa kabiri igenekerezo rya 8 Nyakanga 2015,ko Reta ya Kongo yotanga ibisabwa vyose kugira hatunganywe amatora ya baburamatari b’intara nshasha imbere y’amatora y’abashingamateka mu gihugu cose.
Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro yasavye Reta ya Kongo, gufata idatevye ingingo zotuma hagaruka umutekano,amahoro no kubandanya ibikorwa mu turere turabwa n’iyo ngingo.
Imbere yo gushira ku mugaragaro izi ngingo,sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro yari yabonanye n’abagize umurwi utegura amatora CENI,umushikiranganji w’intwaro hagati mu gihugu, Evariste Boschab hamwe n’umukuru wa Reta Matata Ponyo.
Van Naris Mugisha
