Accueil > Amakuru > Muri Afrika > RDC : Umunsi mukuru wo kwikukira witiriwe igisirikare n’igiporisi
 RDC : Umunsi mukuru wo kwikukira witiriwe igisirikare n’igiporisi
 RDC : Umunsi mukuru wo kwikukira witiriwe igisirikare n’igiporisi
				
				lundi 30 Ruheshi 2014
Mu gihe igihugu c’Uburundi buca gihimbaza umunsi mukuru wo kwikukira, igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo naco cahimbanje isabukuru y’imyaka 54 ihaciye kironse ukwikukira kwaco.
Isabukuru y’imyaka 54, igihugu ca Republika giharanira intwaro rusangi ya Kongo kironse ukwikukira kwako kwacitiriye igisirikare n’igiporisi. Umuvugizi wa Reta, Lambert Mende akavuga ko ari akaryo ko gushimira ibikorwa igisoda n’igiporisi bikora.
Kubwa Lambert Mende, ubutwari  n’ubukerebutsi bw’igisirikare n’igiporisi ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, nibwo bwatumye haba ukwubaha amategeko ya Joseph Kabila yatumye n’igihugu gishika kw’iterambere.
Ibirori vyo kwibuka imyaka 54 ihaciye igihugu kironse ukwikukira vyitabwemwo insinzi y’abantu, bikaba vyabaye kuri uno munsi wa mbere, igenekerezo rya 30 Ruheshi mu gisagara ca Kinshansa.
Umwe mu banywanyi b’ishirahamwe ataho ryegamiye muvya poritike i Matadi, akamenyesha ko igenekerezo rya 30 Ruheshi, ari umunsi uhamagarira abantu bose gushira inguvu hamwe zituma haba iterambere.
Mwomenya ko i Goma, ku murwa mukuru w’intara ya Kivu yo mu buraruko, hari hategekenijwe iyerekanwa ry’amasanamu yerekana imyaka 54 igihugu giharanira intwaro rusangi ya Kongo kironse ukwikukira.
Mu gihugu c’Uburundi, umunsi mukuru wo kwigina imyaka 52 Uburundi bumaze bwikukiye uzohimbazwa kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 1 Mukakaro 2014, ku civugo « Tubungabunge ubutunzi Imana yaduhaye, kuko ariyo nzira irashe yo gutsimbataza intahe y’ukwikukira »
Mariella Bukuru

Messages
30 Ruheshi 2014, 17:23, par Gahungu
Ngo: "igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo". Mumbabarire muze musubire murabe muri dictionnaire y’igifaransa n’ikirundi ico bivuga (RDC=Republique Democratique du Congo).Aha ngomba muze mukuremwo iri jambo ngo:"iharanira"=lutte,lutter.Jewe novuga nti:Igihugu c’intwaro Rusangi ya Kongo.Kuko baremeza ko ari RDC(Republique Democratique du Congo) apana LRDC(Lutte pour la Republique Democratique du Congo).Kandi ibi ndabibwiye abanyamakuru bose bandika mu kirundi canke mukinyarwanda,hamwe nabavuga mukirundi no mukinyarwanda!Muvyige neza hama muze murabe ko tudahuza!Nitwahuza muzoce mukosora mwese banyamakuru!
1er Mukakaro 2014, 10:42, par BAZOGENDA BARARWIRA
na we Gahungu ugitangura, wari wagerageje gusigura,ariko ku kanyuma vyagutse ku mugezi. iyo upfuma uvuga uti RDDC : République de Défense pour la Démocratie du Congo.
Urumva ko nawe wahatswe kuba nk’abandi abo.