IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Refugees International: Hari abarundi bahungiye mu Rwanda bajanwa mu mirwi (...)

Refugees International: Hari abarundi bahungiye mu Rwanda bajanwa mu mirwi irwana

mardi 15 Kigarama 2015

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi Refugees International rimenyesha ko hari abarundi bari mu makambi y’impunzi mu gihugu c’Urwanda binjizwa mu mirwi irwanya Reta y’Uburundi.

Ishirahamwe Refugees International, rivuga ko imirwi y’abarwanyi b’Abarundi yinjiza impunzi mu gisirikare cayo, harimwo n’abana.Iryo shirahamwe rivuga ko abanka kwinjira bategwa ubwoba ,mbere bakanahohoterwa.

Iryo shirahamwe rivuga ko abajejwe intwaro mu Rwanda basa naho atavyo bazi ,mu gihe iyo mirwi irondera impunzi mu makambi hagati, bakarungikwa kurwana mu Burundi.

Ku ruhande rw’Urwanda, umuvugizi w’igipolisi ACP Celestin Twahirwa, yabwiye IGIHE ko mw’ikambi y’impunzi igipolisi kihari kugira gicunge umutekano kandi ata kirawuhungabanya.

Yavuze ko bari mu makambi ngo bacunge umutekano w’ikambi kandi ko ata gihungabanya umutekano kihari, kandi ko ata cegeranyo c’ibikorwa nk’ivyo barabona,rero ko batazi aho babikuye.

Umushikiranganji ajejwe impunzi no gukinga Ibiza ,Mukantabana Seraphine ,yabwiye itororokanirizo ry’amakuru Reuters ko ico cegeranyo ca Refugees International ata bimenyetso vyerekana ko hari impunzi zija kwigishwa ivya gisirikare,ko abagitangaje bafise iyindi ntumbero bagomba gushikako.

Mwomenya ko kuva mu mpera z’ukwezi kwa kane imyiyerekano itanguye yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza,abarundi barenga ibihumbi mirongo irindwi bamaze guhungira mu Rwanda.


Van Naris Mugisha

Messages

  • NGIRYO ISHIRAHAMWE RY’UKURI IJISHO RY’IMANA BUCA RIGARAGAZA ABI YOSE ARIKO ARAKORERWA MUR’IC0 GIHUGU C’URWANDA ITEKO IZOBIBAHANIRE WE NG0YA TU

  • U rwanda rwiyemeje gusenyura reta yibujumbura rukoreshej abana biburundi hamwe nabahoze muri FDRL

  • benewacu mwahungiye nimugarike nimuhuguke muze mugihugu cabibarutse kuko abomuri CNARED bagomba kubagiribiraro bacalo mugushikirinyungu zabo, mukubashora kurisongoye ryindarangavye zuburundi. bo bazosigare baratunga mwembwe mwahonye!! eheraba mutara zaruguru haratekanye icogisagara cabujumbura mamawenje ntimukizemwe. karibu iwenyu turabakumbuye. reka banyangoma bimaramarane.......

  • refugees ntimukavuge ubusa mukemure ikibazo niba mugishoboye niba mutagishoboye muceceke kuko abantu baricwaburimunsi ahokubakiza mugeze mubyo muboneramo amaramuko ntacyomwakoze ngo ntambara idatera mutangiye kuvuga ibyabajya mubarwana mukize abarundi murebe ko iyomirwi ibona abitwara bashobora kugenda gusha igisubizomwabuze ngonimirwi mbese iyabantu bananiwe ntibabura kuvuga ubusa urebye ukuntu barigutamika amagrenade abarundi binzira karengane kandi murabizi mubiramo uruhare kuko muravuga ntacyomukemura,

  • muraba mwumva ukunu Urwanda ruza kubihakana ariko se bazahakana ukuri kugeza ryari ??? mwinjiye muri congo... hoya rwose baratubeshyera naho twinjiye .... mufasha M23 muyiha na barwanyi ni ntwaro... reka rwose baratubeshyera ibyo bavuga sibyo... mu tekinika rapporo yu bukungu... reka rwose ibyo binyoma byanyu sibyo nabwo dutekinika.... muri gutekinika itegeko nshinga ...reka reka ni kubushake bwa baturage.... muri gutoza impunzi za Barundi.... hoya rwose nazo dutoza murabeshya cyane ???? ...ngo ikinyoma ni kiramba...

  • Ni byo ABARUNDI baba mu nkambi ya MAHAMA Birwa batozwa n’igisirikali cy’u RWANDA ngo bazajye gutera UBURUNDI. Ngo bashaka ko mu BURUNDI haba genocide noneho ABAHUTUS bo mu BURUNDI bagasimbuzwa abatutsi cg abahima

  • ivyo nivyo uburundi bwasemereye kuva kera amahanga ntavyumve nibaze tubereke ibimenyetso vyabo twafashe batorezwa mu rwanda twosaba ko urwanda rwofatirwa ibihano canke natwe turutere kandi birashoboka kagame atavuye kubutegetsi ntamahoro ariko aboneka muraka karere ingorane ziri iburundi zizana murwanda

  • Nibatahe Twubakuburundi Abakeneye Intambara Nabo Nibo Izoherako Iherukire Kumiryango Yabo
    Abahendwa Nibahendwe Natwe Abasigaye Muburundi Uwuzoza Ashaka Imbara Tuzomwakira Uwuzoza Ashaka Amahoro Tuzobana Kuko Igihugu Kirimwabagabo

  • Yemw vyaravuganzw ko kagame ari mubariko bahungabany umutkano muburun mbere naw ubw aravyiyemerera,arko amakungu ntaco abivugako,Ico kagame yomenya nuko amaraso yabant azoteba akamuhumir kuk nubwo amakungu yomushikigira Imana ntimushkikiye.mbe k yihend azik uburund yobugra kumwe yatabagura RDC?ikiz nurwaruk afata kunguvu aruhatira mugisoda atanimyaka rurakwiza ngo ruj gufata igihugu.

  • Natwe Nibaturekure Tugende Tumwereke Yibaza Katurusha Imirwano? Kagame Mumezi 2. Nibamuduhe Nitutamuzana Sinzi. Ahubwo Yisubireko. Ahandiho Natwe Nitwashavura Haa! Azotubona.

  • Sinzi icyo Nkurunziza ategereje!! Kagame ntabasirikare agira . Yabonye afashe u Rwanda kubera Habyalima yari afite ambargo arirata. Arangije atoba Congo. Ubu noneho ashaka uburundi kubera bwamwangiye gutera Congo na Tanzania. Gusa barundi muhaguruke kagame ntabarwanyi agira usibye imihirimbiri y’inkotanyi z’amabinga n’imidigi. Nimuhaguruke mutere Butare murebe uko yirukanka uwo mwicanyi kagame.

  • urwanda n’uburundi bikwiye kongera kubana neza kugira ngo amahoro azosasagare ku mpande zompi, urwanda ntirukomeze gufasha ba niyombare n’abandi kwitoreza ibya gisirikare iwabo (nyungwe,....) bajya kurwana iburundi,... kuko ibyemeza biriho kdi abenshi barabibona nubwo bicecekera

  • arikomwarabuziheroryimiti kabisa!!!! Nyakwubahwa President Kagame Imanizimuhezagire yakozibikomeye. yacumbikiye abarundi mwarimumaze mwica nonemutanguye kumubeshera kugiramumutemukaga! icomwacishe mushakamumushavuze abirukane mubone ukomwica n’abaribihungiye! twarabahinyuye burya tubanye tuzinanye. ariko ntimuzigera mushikakucomwipfuza.

  • Mureke ubwo bwahunze buzokwishore kurisongoye tububagire ibisiga ngirango yibaza imyaka twamaze dufungura inderama kotwavyibagiye sha nibaze twebwe ubu ntampungenge tuzobaha ivyo bakeneye navyo murabizi namasoro namabombe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.