IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta irahumuriza ko atawuzokurikiranwa azira ivyiyumviro vyiwe kubera (...)

Reta irahumuriza ko atawuzokurikiranwa azira ivyiyumviro vyiwe kubera ivyabaye mu Cibitoke

samedi 10 Nzero 2015

Reta y’Uburundi irahumuriza abarundi bose, cane cane abanyeporitike ko ata n’umwe azokurikiranwa azira ivyiyumviro vyiwe ahorwa intambara ziheruka kubera mu ntara ya Cibitoke hagati y’abasirikare b’Uburundi n’abarwanyi bataramenyekana. Reta yasavye inzego zibijejwe kubandanya amatohoza, kugira abarundi n’amakungu bamenye abari bateye Uburundi.

Reta y’Uburundi irakeza abasirikare b’Uburundi ku bukerebutsi, ubutwari n’ubuhinga berekanye mu kurwanya abagizi ba nabi bari bateye Uburundi, mu mwanya muto kandi vyaboneka ko abo bari bateye bari baje biteguye, muri Reta y’Uburundi bakabivuga bisunze ibirwanisho vyafashwe. Muri Reta y’Uburundi bagakeza abo basirikare kubona barashoboye gukingira abanyagihugu ntibahasiga ubuzima ku bwinshi.

JPEG - 26 ko
Firipo Nzobonariba, umunyamabanga akaba n’umuvugizi wa Reta y’Uburundi

Mw’itangazo ryasohowe kuri uwu wa gatanu, Reta y’Uburundi iranegura abanyeporitike bamwe bamwe, n’amwe mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yagaragaje imvugo imeze nk’iyo kuvugira abari bateye Uburundi, aho kwihutira gutera intege ingabo z’uburundi zari zihanganye n’abitwaje ibirwanisho. Iryo tangazo rya Reta rivuga ko iyo nyifato igaragaza umutima w’ukudakunda igihugu.

Reta y’Uburundi irahumuriza abarundi bose, cane cane abanyeporitike ko ata n’umwe azokurikiranwa azira ivyiyumviro vyiwe ahorwa intambara ziheruka kubera mu ntara ya Cibitoke hagati y’abasirikare b’Uburundi n’abarwanyi bataramenyekana. Reta yasavye inzego zibijejwe kubandanya amatohoza n’ubuhinga bwinshi, kugira abarundi n’amakungu bamenye abari bateye Uburundi.


Egide Nduwimana

Messages

  • Mbega aho bagomba guhenda abarundi ni Kubera iki?
    - Abo bateye nibamwe bahora kiliba ONDES , izo mbonerakure mwabuze iyo muzishira Kubera MONUSCO yari yagabishije none muriko muvuga ko mutazi abateye abaribo?
    - Urya mugabo akorera DOCUMENTATION mu Cibitoke cabujumbura yafashwe afise ibirwanisho n’urumogi yaravuye hehe? ntiyaravuye kubabwira ko bova muri CONGO bataribonerako Kubera MONUSCO iriko iratuza abarwanyi bose bari kubutaka bwa CONGO
    - Reka guhenda abarundi ivyo mwateguye vyose IMANA igiye kubishira ahabona , ivyo birwanisho muha imbonerakure nivyo bizobakwegera , kandi arya maraso mwasheshe aze abahumire, murashobora kwica abantu mukaca muja kuma radiyo ngo abasirikare bakoze neza !!!, aho ntanisoni ga NZOBONARIBA uriko uvuga ibintu nkivyo nimvyi kumutwe?
    - Ayo maraso mwirirwa murasesa azobahumira kuko IMANA ntiheranwa

  • Muraraba neza ko ivyo bigwanisho berekanye atari bimwe vyari muri ya nzu yo kubuterere.

  • Ivyogukeza abasirikare vyo,naho batobivuga, bonyene ubwabo barikeje,kanatsinda birazwi ko bayinze kuntambara!tugasaba leta yacu ko yotubwira abaribo atagutinya,kuko mukarere ntawodutera ubwoba kiretse abagenzi twubahana Tz na RDC!Komera Bi!

  • Zobonariba we niryambere uvuze ikintu tugahuza pe?abasoda vagize neza kumara,ziryabonerakure zanyu kuko intumbero yarizizanye yarigayitse kusubira kwica abatutsi kugira muce mufata,abatavuga rumwe bose ngo nibo babigize??imana yarakize none nosaba abAsoda kusubira bakacisha kubohombo imbonerakure zose zirimugihugu hagati kuko zigisibije abasoda bravo dd ndazi ko muri mukigandaro mutari bivuge ??urucira mukaso rugahitana nyoko

  • Kundashigikira igisirikare nkiki cuburundi nigihombo gikomeye! Norindapfantibagiwe bamwe mumashirahamwe avugako adaharanira ivyicaro muri reta mwinomyaka ya 2014 na 2015 aho igisirikare cahanganye numwasi igisirikare cu Burundi kigapfisha abasirikare babiri hakongera hagapfa abarundi bababa civil babiri muraboba civil babiri harimwo akana gato, ariko inyuma yoguterwa nabasi bu Burundi amashirahamwe amwe arongowe nabotwarituzi kobaharanira inyungu zuburundi ahoguha pole igisirikare cigihugu cabo bagaseruka bavugango bakiriyenabi abaribateye ngombere bashobora gufatirwa ibihano! ntanukuvugako bahojeje imiryango yabuze ababo ntanuguha pole abanye Cibitoke, ahobwobakomeje kuvugako mukwiyamiriza igisirikare cuburundi bagiye kubiririmba nakagagazo keshi. Jewerero nariniyumviriye ko baribakwiye gukurikiranwa nubutungare ariko nariniyibagijeko igihugu cuburundi kirimwo democratie itandukanye niyomubindibihugu.

  • Muburundi turakaze ntipfa tutwinjira gihorera turamwa.ahubwo abo bantu ntibikundb

  • nyakubahwa nzobonariba muti amatohoza yiki emweeee ndumiwe wewe nyene uravyivugiye kohari abavugira abaribateye uburundi noneburya umuntu ntababara ivyiwe bene badya bagwanyi nababavugira namwe mwokwitanga kwakarorero kurumuvugizi none wovugira kenya congo etc uvugira igihugu cawe nabobavugiye ababo kobatavugiye abasoda bapfuye kobatababajwe nabanyacibitoke batewe kandi bagapfa namategeko bazuye yintambara bayarondeye mwikigihe muntambara zaheze nkekaho bataribwamenye gusoma ewe vitari sha

  • nwari wewe hariho ivyuvuga bikaboneka nkivyimburabwenge uvuga gute ngo abasoda bajanye nimbonerakure mucibitoke gutuza umwansi ubunaho ukavuga ngo abaribateye zari imbonerakure none nkubaze imbonerakure zagwanije imbonerakure nkazo?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.