IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi igiye gushiraho umunsi mukuru witiriwe Demokarasi

Reta y’Uburundi igiye gushiraho umunsi mukuru witiriwe Demokarasi

samedi 14 Rusama 2016, par egide

Reta y’Uburundi igiye gushiraho umunsi mukuru witiriwe demokarasi mu Burundi, umuvugizi wa Reta y’Uburundi akamenyesha ko uwo munsi mukuru ukazoba uhariwe kwibutsa Abarundi icarico demokarasi, hamwe n’ukwiyamiriza intwaro z’agahotoro n’igikenye mu Burundi.

Mu gihe umwaka uheze mu Burundi habaye igeragezwa ry’uguhirika ubutegetsi bikanka kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015, Reta y’Uburundi yatunganije kuri uwu wa gatandatu mu makomine yose agize igihugu c’Uburundi ibirori vy’ukwibuka uwo munsi.

Mw’itangazo Reta y’Uburundi yasohoye kuri uwo munsi, yibukije Abarundi n’amakungu ko umwaka uheze hari abashatse gutembagaza ubutegetsi bwatowe n’abanyagihugu, ari naco gituma Reta yiyemeje ko igiye gushiraho umunsi wahariwe demokarasi mu Burundi. Firipo NZOBONARIBA, umuvugizi wa Reta y’Uburundi yamenyesheje muri iryo tangazo ko ryabaye irya mbere mu Burundi, aho inzego z’umutekano zihangana n’abashaka gutembagaza ubutegetsi, ziriyamiriza abari bateguye uwo mugambi.

JPEG - 129.2 ko
Firipo NZOBONARIBA, umuvugizi wa Reta y’Uburundi

Reta y’Uburundi, muri iryo tangazo, yakeje ubushikiranganji bw’Ubutungane, ku gihano giheruka guhabwa abasirikare n’abaporisi bashatse gutembagaza ubutegetsi.

Reta y’Uburundi itera akamo abahunze igihugu ko botahuka, ikabizeza ko bazokwakirwa neza nk’abavukanyi, kandi ko n’amatunga yabo yakingiwe neza.

IGIHE

Messages

  • REKE KWIHA
    AMENYO YABATWENZI
    NGO DEMOCRATIE ? HEHE?
    MUBURUNDI ?
    EMWE MURANKUYEHO PE
    EREGA BARABATWENGA NUKO ABANTU BENSHI BATAZI IKIRUNDI ARIKO UBU COMPUTER ZIRASOBANURA AUTOMATN

  • UWOMUSI MUKURU KUJAHO NIVYIZA ARIKO NUKO UKO IMISIMIKURU IRWIRA ARIKO NUBUTUNZI BUHATIKIRIRA MWEBWE MUGUMA MURWIZA IMISIMIKURU NGO INYUNGU IBE IYIHE ? ATARI AGAHOMBO KUGIHUGU NOKUMWENE GIHUGU UYOMUSI EGO NIVYONUJEHO ARIKO NTUZOZE UHAGARIKA UMIRIMO YATWEBWE ABENE GIHUGU

  • Uwo Munsi Warukwiye Kubaho Mugabo Woba Uw’abarundi Bose.Ok

  • mbe icogitama casaze? banza namwe musubize ubutegetsi kuko arimwe mwabuhirise

  • Niza Ko Abatay Akaz Bagahunga Bazoca Basubizwa Mukazi Bareke Kuyerera Ngo Harintambara Kandi Umutekano Ukwiye ,izonkuru Nizukuri

  • RETA YACU TWITOREYE TURAYISHIGIKIYE IMANA IYIKOMEZE,KW’ISI YOSE NTANAHAMWE UTOSANGA UMURUNDI YAHUNZE AMARETA AHITIYE AGATEZA IMBERE IGIHUGU YAHUNGIYEMWO AHO GUTEZA IMBERE ICIWE!

  • UWOMUSIMUKURU NIWO ARKO IYOMUWUSHIRA NKOKUMISI YIMIRIMO KUGIRA ABAKOZIBA RETA TWIRONKER AGAKONJ

  • BURYA,IYODEMOKARASIIRAKURIKIZWAVYUKURI.?

  • Muvyo mukora nivyo mudedemba ntimuze murishira mukwanwa twebw impunzu. kuko ico twahunze turakizi. uwiyemera araza mumakambi atwemeze neza ko twuhunguka,iyo misi mikuru yangu nayo nakabaraba

  • Emwe abo ba dd barakunda amatangazo,mbe nta kindi bafise bakora?

  • Mwebwe murazi democracy icarico nimba muzoshiraho umusi mukuru wo kwicabantu kuko ico Nico mushoboye nahivya democracy mubehebere abandi mugabo ivyo muvuga nivyo mukora birerekana Ko arigihe canyu canyuma ba muraraga nyene

  • wamutwawe mwaherewekagame ntahahwaniyenamweyarafashe namwe mwankamwemera umwishoni arusha

  • Uzoba umunsi WO kwibuka ikiringo ca gatatu

  • Iyo ni inkuru nzinza, bumvishe neza ko ata butegetsi buvuye muri coup d,etat bugishoboka, itariki y,uwo musi nayo ikwiye kuba umusi nyakwigendera nyenicubahiko NDADAYE yagandagurwa, harakwiye no gukora ifoto kubw,uwo musi irimwo nyakwigendera NDADAYE hamwe N,imfura y,uburundi PETERO NKURUNZIZA ari nawe yabonye ubunrundi bupfakaye aca afata ingingo yo guharanira demokarasi ndetse aca aba umukuru w,igihugu wa mbere yatowe aramara igihe yatorewe atagandaguwe

  • ALIKO ABARUNDI BAKUNDA IMINSI MIKURU. UBWO RERO MUGIYE GUHAGALIKA IMILIMO MUSOHORE AMAHERA NGO UMUNSI MUKURU. MWASANZE IYO MUFITE ITABAHAGIJE. MBEGA IGIHUGU CYIBIBAZO.

  • Ego nukuri nivyiza kuko numunsi wokwibukanya ibihitiye muburundi kandi nabashatse gutembagaza ubutegezi bazokwikebuke kuko urundi ntibwatwese abanyagihugu nibo batanga ubutegezi si abanzungu babutana turabashigiye

  • NAGOMBAKUBAZA?NKABARIMUGWANDABAHUNZEBAJENTAKIBAZO?MBAJIJENKUKO JENDIMUBRUNDI NGAHA IWACU

  • Uwo munsi uzojaho aruko habonetse umuperezida wa mbere w’Uburundi, aba umuhutu canke umututsi, atwaye mandats zibiri nkuko vyanditse mw’Ibwirizwa shingiro, atawuryogora. Kuko uwubuza wese umuperezida gutwara mu mahoro ngo nuko badasangiye ubwoko canke ivyiyumviro vya politike, ntabwo aba atunganiriza demokarasi, aba asubiza Igihugu n’abanyagihugu inyuma. Kandi n’umuperezida ari ku ntwaro akumira abo badasangiye ivyiyumviro canke ubwoko, ntwabwo aba ari ku murongo wa demokarasi. Abarundi nitwige gushakira hamwe ivyotuma demokarasi ishinga imizi mu Gihugu catwibarutse, ataruko tuzokwama dutwagwa nk’impumyi, bamwe bagandagugwa abandi babandanya guhunga. None ni nde yovyemera? Nihabe kwumvikana, abagenzwa na kamwe babise abipfuza ibiganiro vyubakira bose! Namwe nimwiyumvire igituma tuguma muri vyabindi, ata numwe yipfuza gusangira n’abandi intwaro kuko badasangiye umugambwe canke ubwoko? Nukuri harageze ko ivyiyumviro nk’ivyo bituvirako, tugatangura vyimbitse democratie responsable ica ukubiri n’ubusuma bwo kuguma hatwara bamwe kandi abarundi twese, amoko yose, hashobora kuvamwo ababandaniriza aho abandi bashikije ikivi ku ntwaro.

Un message, un commentaire ?

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.