IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi irashima ibikorwa vy’ikigega mpuzamakungu FMI

Reta y’Uburundi irashima ibikorwa vy’ikigega mpuzamakungu FMI

mardi 10 Kigarama 2013

Nk’uko vyama bigenda rimwe mu mezi atandatu, intumwa zidasanzwe z’ikigega mpuzamakungu FMI (Fond Monetaire International), zifise icicaro i Washington, ziragendera Uburundi kugira zifashe itegurwa ry’amafaranga n’ingene akoreshwa.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Gerevasi Rufyikiri yakiriye mu gitondo co kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 10 Kigarama 2013, intumwa zidasanzwe zivuye i Washington z’ikigega mpuzamakungu FMI. Izo ntumwa zikaba zaje ziherekejwe n’uwusanzwe azirongoye mu Burundi, Williams Oral akaba kandi ajejwe gutunganya ibikorwa mu kigega mpuzamakungu FMI.

Koffi YAO yahora arongoye ikigega mpuzamakungu FMI yamenyesheje ko imigenderanire hagati y’ikigega FMI n’Uburundi yifashe neza kandi ko no mu vyari bibazanye ari kurushirizaho gukomeza imigenderanire. YAO akamenyesha ko intumbero y’urugendo bagize mu Burundi rwahora rukorwa rimwe mu mezi atandatu, ari kugira ikigega FMI gifashe kuraba ingene itunganywa ry’amafaranga akoreshwa mu Burundi rimeze. Bakaba bemeye kuguma bashigikira Uburundi.

Gerevazi Rufyikira, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu avuga ko Reta y’Uburundi ishimishwa n’ishirwa mu ngiro ry’imigambi ikigega mpuzamakungu FMI ishigikiramwo, nko mu gisata co gutwara neza, ingene ibikorwa biriko biragenda mu gihugu, mu bijanywe n’itunganywa ry’amafaranga. Amenyesha ko izo zumwa zashimye ibikorwa aho bigeze mu Burundi kandi ko bagiye no kubandanya bashigikira Uburundi mw’itunganywa ry’amafaranga n’ingene akoreshwa.
Aho mukamenya ko bimwe mu bikorwa bishimwa vyafashijwe n’ikigega FMI ari itozwa ry’amakori. Gerevazi Rufyikiri akamenyesha ko bageze ku ntambwe nini mu gutoza amakori mu Burundi.

Muri uwo mubonano, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu akaba yaboneyeho akaryo ko gushimira Koffi YAO yahora arongoye ikigega mpuzamakungu FMI ku migenderanire myiza yahabaye. Ubukukuruke bwiwe akaba aribwo butumye YAO abisikanya n’uwugiye kumusubirira.

Mwomenya Koffi YAO agiye gusubirirwa n’uwitwa Prosper YOUM, akazotangura amabanga yo guserukira ikigega mpuzamakungu FMI mu Burundi mu minsi iri mbere.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.