IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi iriyamiriza ivyashikirijwe n’urunani ADC Ikibiri

Reta y’Uburundi iriyamiriza ivyashikirijwe n’urunani ADC Ikibiri

dimanche 23 Ruhuhuma 2014

Mu runani ADC Ikibiri bararungikiye urwandiko umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, aho berekanye impungenge bafise kw’ihungabana ry’umutekano bivuye ku bibazo vya poritike biri mu gihugu. Reta y’Uburundi iriyamiriza ivyashikirijwe muri urwo rwandiko, ikamenyesha ko ata nzu iriko irasha, ko ubuzima bw’igihugu bwifashe neza.

Firipo Nzobonariba, umunyamabanga, akongera akaba n’umuvugizi wa Reta y’Uburundi amenyesha mw’itangazo Reta y’Uburundi yasohoye ku munsi w’ejo ko ivyashikirijwe n’urunani ADC Ikibiri ko poritike y’igihugu ishobora gutituka bivuye kw’ikurwa ry’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu bitagira ifatiro. Muri Reta y’Uburundi bamenyesha ko ritabaye irya mbere basubirije canke bakomboye icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, bisabwe n’umugambwe akomokamwo, canke bivuye ku zindi mvo, ariko ko bitahungabanije umutekano w’igihugu.

JPEG - 66.7 ko
Firipo Nzobonariba, umunyamabanga, akongera akaba n’umuvugizi wa Reta y’Uburundi

Muri iryo tangazo Reta y’Uburundi yasohoye, baranegura imvugo ikunda gukoreshwa ko ubutegetsi bwiziziwe n’akarwi k’ibihangange kica kakongera kagakiza. Firipo Nzobonariba amenyesha ko iyo mvugo ifatwa nk’igitutsi ata kindi igamije atari ukwifatira mu gahanga Reta y’Uburundi, hamwe n’abayigize.
Ku bijanye n’ibiganiro n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi, Reta y’Uburundi imenyesha ko yashizeho urwego rwamaho (Forum Permanent des partis Politiques), abanyeporitike bahuriramwo kugira baganire ku bibazo baba bafise, Reta y’Uburundi ikamenyesha ko urwo rwego rwugururiwe bose, kandi rukora neza rudakumira. Kubwa Firipo Nzobonariba, ubwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro si agaseseshwarumuri mu Burundi, iyo nayo ikaba ari intambwe idakunze kuboneka mu bindi bihugu.

Urwandiko urunani ADC Ikibiri rwarungikiye umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ruravuga urwaruka rw’IMBONERAKURE rukomoka mu mugambwe CNDD FDD ruhungabanya umutekano, kandi bikaboneka ko rushigikiwe n’ubutegetsi.
Reta y’Uburundi yamirira kure ivyo vyashikirijwe, ikamenyesha ko umugambwe CNDD FDD ufise urwaruka nk’iyindi migambwe yose, kandi uwo mugambwe utarigera utuma urwo rwaruka rwawo mu bikorwa vyo guhohotera abo batavuga rumwe. Firipo Nzobonariba ati : "Umwe wese azobazwe ku gatwe kiwe. Abanyeporitike nibavavanure n’ugufatira mu kivunga."

Reta y’Uburundi irangiza ihumuriza abarundi n’amakungu ko ata bara ririko riragwa mu Burundi nk’uko vyavuzwe n’urunani ADC Ikibiri. Firipo Nzobonariba akamenyesha ko ibivugwa vy’ihungabana ry’umutekano vyofatwa ahubwo nk’ivyipfuzo vya Léonce Ngendakumana, umukuru w’urunani ADC Ikibiri, asanzwe ari nawe yarungikiye urwo rwandiko umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.


Egide Nduwimana

Messages

  • Nyakubahwa Philipo Nzobonariba wosubira ukatwibutsa yamvugo nziza wahora utubwira kubo wita Bampemukendamuke muri RPB nturenganywe ?Boba barumvise iryo jambo ryinkoramutima wahora utubwira canke nawe ntukivyibuka ivyo wavuga?Uraraba ko utazohava usanga wabivuga wisabira ico wirira gusa!None muri iryo kete hari ikinyoma kirimwo udabaye nkaba wahora uhanura?Uwusubizamwo amajambo yawe yo mu myaka iheze yokwibukira kw’izina gusa nayo ukuri kwarahindutse!!

  • aho twavuye turahazi kandi uwifuza gusubirayo sinzi uko yoba ameze turi abarundi twonse rimwe dufise umuvyeyi umwe none tubane amahoro muminsi tuzoba duhagaze neza mumakungu

  • Murabwira Leonce ko iyo ntambara yipfuza azohava asanga ayivyinye wenyene kuko niyo yagize ururirimbo.Ariko ico agomba kumenya ni uko tutakiri muri 93.Mbega canke izoba igizwe n’abatutsi bitutsuye nka we?Mwomenyera ari bangahe ga yemwe!

  • NTAWUNYEGEZA UMWOTSI INZU IRIKO IRASHA. mbega ni LEONCE gusa? oyaye n’amakungu yarabibonye hasigayeko ONU irungika abasirikari mpuzamakungu. Ntimukangwe nuko u burundi bufise abasirikare mu makungu kuko na CONGO irabafise muri Centre Afrique kandi iwabo hari inteko za ONU mu buseruko bw’ico gihugu. Wait and see. TIME IS COVERING MANY THINGS

  • Leonce naramwumvirije kuri BCC nca numva ndamukunze gose. Mubonye nomubwira nti VUGA UKURI NIWASHAKA UZOKUZIRE

  • we utemera ibiba mu Burundi kumwe na Leonce harico uhisha!Muvyo yanditse ico utabona nyamba ubu mu Burundi ni igiki?Ildephonse wavuye he ugeze he?Abantu bamwe iyo muhaze muratangaza?Mbe nk’abavyeyi bahekuwe mu Gatumba ,canke umuvyeyi wa Leandre Bukuru i Gitega n’abandi avuze tugeze kure abarundi ntiwoba ushikuje!Ahubwo kanura mubone mureke kuvuga gusa!!

  • Leonce Ngendakumana nakamuhanuye kuvakera yarase yigumira munzirayiwe yokuba nkikimodoka catsitse amafire mwibarabara nimaruka, Uwo Leonce yamonye ivyamvuga atabihanirwa acayibaza aribwobwenge reta urayivugako ibintu itakoze ikakwihoza, maze washika ahobadandariza utuyeri abomuhuje amafuti bakagusanganiza utuyeri ngokubere bayejeje kukwumva kwi redio uvugayamuhe, rekandakubwire iherezoryawe, nubwo na reta yobisigurira abantu ivugati uryantaco dushobora kumukora kukotumutunze nkumurwayi ariko harabandi batazokwihanganira nkiyo reta yu Burundi, Akarorero uwitwa Alexis Sinduhije yarishinze arakomesha ukwoyishakiye reta yu Burundi munyuma yagiyekwidarura kumumenyeshamakuru akora kuri Kabizi nkukoyarisanzwe yibabura kuri reta harimumwakuheze none turimukwezi 2/23/2014 ntajwiryiwe ndasubirakwumva ( uryamumenyeshamakuru naciye ndamugereranya na DAVID/Dawidi dusoma muri bibiriya, Alexis ndamugereranya na Goliyati) akandikarorero nabaririmvyibamwe baririmba indirimbo zokwifatira mugahanga reta ariko mumisi haruwuheruze gufatirwa ibihano bitavuye kuri reta, reta rero ikomeze gukora isenga nuwo Leonce yirirwa arasesereza reta ukwoyishakiye kubera intumbero itaramenyekana azogiraguti abone abobakorana baramushikirije ubutungane kandi reta atariyo ibatumwe, ndashima reta yacu yu Burundi kuko ikora isenga.

  • Nonivyo urworunaniruvuga sukuri?haruwutabibona?abobavuga iyomwavuye harina bariyamavyi kugusumva ariko batoterwa nkabandi uhubwo ntimukihibuka yabamwahibuka mwotwariye bose ibiziga ntibisubire gutorwa vyamisiyose k1 ntawuhisinzu irikwisha imbanerakure nizikomeze nka baba chanjesheke

  • Abatware bakino gihe bibagira ningoga pe! Nzobonariba firipo ngo nta nzu iriko irasha; amategeko aribo bayitorey bakayahonyanga ku mugaragaro! Akarorero kahafi imbonerakure za muyinga zagize defire imbere yabarongoy cndd-fdd bambay imyambaro ya gisirikare! Ikibazo: kubera iki badafatwa? Nzobonariba ikebuke,wibuke ivyo watwandikira muri RPB nturenganywe. Murakoze

  • Twebwe abarundi turindiriye gusa uwozokwiyadukiza ngwaratanguje INTAMBARA tuzobanze twihurire,abo biyita IBIBIRI,nibihende gusa bibonereko agahinda,ico mwomenya nuko Presidant atariwe yitora,atogwa na banyagihugu bagomwe imigambi yiwe,na programe y,umugambwe aba yavuyemwo.MUKINDA MWICAYE CANKE MUGARAMYE NYAKUBAHWA NKURUNZIZA TUZOMUTORA 2015,Aho rero mube muravyunva neza,mubishire mumitwe yanyu.ADC IKIBIRI nimuvyunve,nabo bandi bose mucijijanya imitima.

  • Mbega abo bavu ga ngo ahotwavye,turahazi,!nihehe ninde yariyabarungitseyo!mushaka mwokwisubirirayokuko nivyo mwari mukwiriye:kubana nabantu ntavyomushoboye reka iryotereabwoba ahubwo nimuwatse haa hii ici riri hafi ntavura izoba iriko irarwa

  • wewe sekuri ufise imyaka ingahe??? uzabaze abagusumvya imyaka uzobaze uti NDADAYE yatowe gute? bazokubwirako yatowe n’abenegihugu nka 90% hama uzoshike ubaze uko yavuyeko.

  • We sha wiyita Giramahoro Iryo zina ryanje reka kurikoresha mukwandika ivyo vyifuzo vyawe bicuramye,invugo yiwanje abanwanyi biki kimenyeshamakuru barayizi,nsinkiyo yiwawe,harumufasoni yitwa MAMA duhora dufadikanya muguhanura izo ntunva zigomba kwigira ndase mugihugu,muhumagana canke mureka ibintu biratomoye mugihugu,ntawuzodusimbana umutaru ,nayo amatora yoyo intsinzi nikashi kuri CNDD-FDD,vision20-50.nimutekereze rero mwebwe bo MUKIBIRI nabo bandi mwifadikanije mukuzimagirika.

  • FIRIPO WE , ivyo ADC ikibiri yanditse n’ukuri kugaragara. Upfa kuvyirengagiza ubibona na wewe. Aba nabo baterana ubwobank’uwu yiyita "SEKURI", usabe Imana mugume kuntwaro nyene ahandi ho muzokwishura ivyo mwononye vyose. Aho wiyicariye rero, nobona wiruka n’akarago kumutwe umunsi abanyagihugu twoshangashirwa. Mwaturambiye d’ailleurs, hageze ko mwiha ubuki. Mukabisa imvugakuri nkaba Leonce

  • Haaaa hii wewe ugereranya ndadaye na Nkuruziza uriheze ncane nimba wibaza ko!!!!!!!@%??????

  • nimuntohoreze amakuru avuga ko bagire barungike imbonerakure kurwana muri somalie na centre afrique

  • Ico nashaka kubamenyesha benedata nuko hari umugambi mubisha uri gutegurirwa muRwanda hagati ya Busokoza na kagame wo gushaka kugandagura president wacu Nkurunziza,uwoba yegereye peter yobimumenyesha akiyubara mungendo akora.gusa ica bomenya nuko uko bishe Ndadaye bitazokworoha kiretse niyo umuhutu wese bamumara.bahuu bahutukazi muragabe bishitse murazi busokoza aho tuzomutora.peace

  • Shabushimike, ushatse kuvugiki? nambatarugutahura nabi menguvuzeko uko Perezida Ndadaye yavuyekuntebe kwarikwo numu perezida dufise uyumusi akwiye kuvako!? Mbegamadayimoni!!! Shabushimike hamwe nanje, dufatikanye dusenge kugira ayo madayimono yakwiyeretse avugako perezida wigihugu azovaho nkukwo Ndadaye yakuweho ntakibuza azotsindwa mwizina rya Yesu tsindwa Satani tsindwa satani mwizinarya Yezu muvemwo,urakoze yesu kowama urihafi yuwariwewese kugira uwukwitabaza akubone bitamugoye. Amen

  • Baruni barundikazi mwame mwitwararika kwubaka igihugu kuko kuvuga amajambo mabi canke gutyoza aba nabandi bituma mudashobora guterimbere ahubwo twasaba abanye poritike kutamiza mukanya igorane zabo ahubwo biteho iterambere ry’igihugu abanyagihugu barapfa bishwe ningorane ziva kubuzima bubi ariko hakubafasha mu bater’ubwoba kuki mutokwisubirako

  • Abo ba CNDD bigira ko ivyo bakora amakungu atabibibona. ADC ikibiri siyo ifise amakosa ahubwo amakosa nabo mbonekure mutagomba guhana mwibaza ko bariko babakorera neza imbonera kure zirizwi no mumakungu kari ikiroberi ca CNDD aho ntakubesha kurimwo.

  • Ndabumvirije abariko bashikiriza ivyiyumviro vyabo ngaha ikintu c’akamaro muriko muravuga ni igiki?Leonce yavuze ukuri mwavyemera mwareka ababizi barabizi kandi ama rapports ya ONU kuri ivyo arahari.Hanyuma ntihagire abasubira kuvugira umukuru w’igihugu arafise abamuvugira bakwiye kandi baciye ubwenge.Abo nabo bavuga kurwana nibahimbe bahishe izo nguvu zijane mu mirimo mureke kuzihaya mu gusesa amaraso!kandi abo bose bavuga ivyo ni abasezi gusa nta muntu yabatumye ivyo kandi abo ntaco babonye kandi ntaco babuze nico gituma baronka ico batazi!Nibateshe bate!

  • umuntagishirubwokimbere sindamwumva nawew ubivuga ntuzubwoko bwawe nabaguhenda urumuhutu canke umututsi.adc vyivuga nivyo gusa leta sukubafatanabi ahubwo nibe ibikorerako.

  • Ivyo adc yatanze bishobora kuba ari ukuri bazi ivyo bariko bategura nuwo busokoza kuko bashobora kuba bafise ubuhamya ahubwo ntakwijajara gikorereko. Iva kagame navyo natere ubwoba congo not burundi arabizi ni bubwari. Nateshwe ate!

  • Kera filipo akivugira RPB yaravuga bigashimwa ariko kuvaho bamutamikiye inyama mukanwa bisigaye bimugora.Erega ntanumwe atabona ukuri gusa nuko babura aho bavugira.

  • Ngaho rero nimba abesha, twereke ico bisigura kwiyereka wambaye impuzu z’abajejwe umutekano utariwe. kuki mwibagira ko abaserukira amahanga aha iwacu batembera muma quartier eka bagakorana kandi nabarundi nabo babazwa ivyashitse neza taguhengama? Ngaho rero twereke igituma uwufashwe yagirizwa 10 M Arusha ivyaha Rwembe na Mgagogwa. Uti abantu bose ntibazi qu’est BAMVUGINYUMVIRA. Makosoye ibintu bikiri hafi?

  • Umurundi wese aba mu burundi canke akurikirana ibiba mu Burundi ntiyohakana ko ivyo Leonce yashikirje ko atarivyo kiretse ababifisemwo uruhara n’inyungu!!Mu Burundi harihi tension kandi ishobora gubushitsa mu manga!Igikuru sikubihakana ahubwo ni kuzitira hakiri kare!

  • Abantu bazi umuntu yitwa MAMA kuri uru rubuga namusaba akamugira inama yo kurondera umuntu aza aramwandikira neza hama duheze dusome neza ivyiyumviro vyiwe OTHERWISE NOTHING WE UNDERSTAND. aho yihaye kwandika ENGLISH hoho biteye agahinda. Hakwiyongerako uburozi buva muvyo avuga ugaca wumva arashisha. Kandi yihinduye umuvugizi wa Petero nkuru.

  • mama ivyiyumviro vyawe twabihaze turi mukukudahwa kuk wigira umuvuzi wa Nkuru ukamengo ni so!Urya arafise abavuzi biwe kandi ntiyagutumwe!Turagusavye umaramare nyamba uri umusavyi (umusezi)naho urazoja uramwandikira wenyene ureke kudutera iseseme!Nicokimwe na Giramahoro murazoza murandira so wanyu mureke ur’iyi site yabafise ico baterera kiremesha imitima ya benshi!!!!

  • Wesha wiyita Jacques, ninde yakubeshe Ngo hari ABA Hutu Bogwanira Nkurunziza? Ahubwo Bumudukurako twoca twiha agacupa. Naho uwiyumvira Ngo abahutu bokwemera guta umwanyi, nimube muramenya Yuko uwokwicwa abahutu tugaca dufata ibirwanisho Ni Mutama Rwasa Umwami wabahutu. Naho ivyo vyitso vyaduhekuye twobihigisha amahiri. Jacques mbe uza wibagiye abahutu DD imaze kwica, wibagiye, Muyinga, rural rusizi, kinama, kamenge, kanyosha, hamwe nawamwana DJ Wo mukanyosha? Reka kuza mwigira ABA Hutu mutazi Nico bisigura.

  • Murambabaza mwebwe mwiyita Abahutu abandi Abatutsi.Ndababaze hamwe Abahutu,Abatutsi bapfuye uno musi bozuka bosanga batazize inda za bamwe bamwe.Inyishu iri muri Matayo 5:38-48.Murakoze

  • wesha jacque ivyo uvuga uhamagara abahutu,igihemwatumara ko utaduhamagaye rindira imbwa zibarye niho mwomenya ko ko mukenewe kwicwa bayiiii DD

  • @Kuki, uvuzengo uradashwe jewe Mama!!! yooooooooh! kombona mwashavuye kandinkaba nanjentarikondareka kwandika ivyiyumviro vyanje bivugango rekagutukana murabigenzagute!!!???

  • Mwese ndabasetse! Hahahahaha!!!

  • vyari bikenewe ko mutanga inkuru yion muga ntituzi vyose kuko hano hari réaction ariko ntituzi ivyo ADC yanditse!

  • Jewe vyukuri nagerageje gusoma ivyo abenshi mwanditse,ariko nayobewe ko muriko muragwana intambara yamasasu kuko bamwebamwe murashirukanya,nabasoda bitwaje inkoho ntibogeza aho mushitsa mugushirisoni,mwebwe mwiyita,MWARI-JOSUA-KUKI-KAMWENUBUSA-MVUGE-NTIHEBUWAYO Isa-NELSON-JAFFAR-KARIKURUBU-KIRINYOTA-GICOCORO,Nabandi mwese mwiyunvira nkaba nvuze,numusubize amero mwisaho yukuguma mwiyunvira intambara,benokwifuza kumara abari kubutegetsi uno musi.Gusesa amaraso mwebwe nvuze ntibizoberera,nabasogokuru Banyu bayasheshe kuva kuntwaro ya MICOMBERO,BAGAZA,BUYOYA Ibiringo 2,murabona iherezo ryabo basokuruza Banyu.teshwa mute rero,narababwiye ko mwebwe murinkwezi yamagume,ubu mwamaze kwibagira aya BADEPLASE baboneye mubuhungiro?!!?.zacampazi.ryanyoni.gahombo,marangara.rango,tanzaniya nahandi mubihugu?!.mwebwe muri IBITAZI,intambara murayunva ntayo mwabonye,kandi ntayo mwagwanye,biraboneka kandi birunvikana kw,IZIMO zabaye mugihungu bamwe muri mwebwe ntimwari bwavuke,abandi mwarabana btoya.Abo SEKURI na MAMA barabahanura ariko ntimwunva kandi ntimubona,reka ndabacirumugani,AGAKUKU KAKURIMISHA UGWIRI KATAZOGUFASHA KURUBAGARA,murazi kwatawubagara ugwiri,runaga ningoga,nayo iyo coup d,Etat irikwitegurigwa mugwanda turayirindiriye,abo bariko barayitegura bamenye ko (IKIGABA C,UMUGABO gihonyora kwihwa ryumunyinya cibaza ngo ryaraboze,kand,ariho riba rigeze kuziraniza!!??)ndakebura nsintukana,kandi sinvura.umugani ntuva kugiti uva kumuntu.IMANA IRATUBONA mumitima twese.

  • Ivyo Leonce avuga namakungu arabibona akarorero mwakunvise nuko batazokwemera uwowese azosubiza amasezerano ya arusha inyuma , kuvyerekeye ubwoko tumenye ko atari ubwoko bwica hica intwaro mbi jewe ndi umuhutu ariko sinshigiye intwaro ya CNDD ariyo irongowe naba hutu kandi abahutu akaba aribo bicwa nubwo butegetsi bwa CNDD. Murazi ivyo Rwembe agira imbonera kure ,nabandi abahutu bamaze kwicwa nubutetsi bwa CNDD banganiki ? Reka kwinyegeza inyuma yubwoko teza imbere igihugu abarundi baronke akazi ntakindi kuko abahutu bakenye nibenshi kandi muri kubutesi tuzobashimira ico mutumariye ntituzobashimira kudushira mubukene butagira izina

  • @Giramahoro urinda kuba urwaye ihahamuka kuko ivyiyumviro vyawe nta muntu akomeye neza yobivuga?kandi wewe ndakwize neza muvyo uvuga uri umusoda kandi w’imburakimazi .umuntu akwize neza uri umusezi ntaniyontambara uvuga warwanye buca bakwirukana uje kwa nyoko( mama),musangiye gusegana abantu!

  • Uwitwa Mvuge, Nisunze ivyubwiye uwitwa Giramahoro kandinkitegereza ivyoyanditse wewe unyibukije umuntu yariyarwaye maralia ikazecane baze atanguragutera amabuye abariko bararengana yongera ababwira ngo nabasazi! jewe ntabwo nemerewegutukana mbanakubwiyeko ahubwowewe ariwewe ukwiye kwisuzumisha, nayo Giramahoro amezeneza kandi ashoborakuba arumwe mubashinzwe gufasha abahahamutse niyabatariwe narakurikiranye ivyoyandika yagiye ahobakeneye abakozi bogufasha abahahamutse interview yoyitsinda kandimwajanye wobona bamwakiranye igishikacishi mazenawe ugakomeza uvugango yarahababutse iherezo abashinzwe umutekano wicokigo bakakujana kwa doctor maze doctor akavugango mumutware ajegufashirizwa mubibazavyabahababutse, mazebagutwarayo ugasanga uwuzakugufasha ni’ GIRAMAHORO sijenohahera.

  • jewe ntababesha ngira uwiyita Mama ni nyina wa Peter Nkurunziza si gusa!!KUKO nuwu mbona ngaha kugihe asa nigikere ngo numuvugizi wa Reta da nawe ntavuga menshi nkayo mbona Mama yama ariko aradebagura!!jewe mbere nkico munyereka ngo ndamuhe ikofe ndamugarurire ubwenge kuko ntabwo agifise!!Giramahoro nawe aragapfa atamenye amahoro kuko nawe ntayashaka gutanga!!iyo muhaze mwe na mama mwibaza ko Uburundi bwose nabarundi bahaze!!muraga... ubu iyo muriko muravugira aba DD muba mufise ubweng canke mubikora nkana!!ba mwemera ukuri nakwo kuzobaha amahoro mumitima yanyu!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.