IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi ntiyemera ibiganiro vyoza guhungabanya inzego

Reta y’Uburundi ntiyemera ibiganiro vyoza guhungabanya inzego

mardi 26 Rusama 2015

Reta Y’Uburundi imenyesha ko bikenewe kwibaha inzego zikurikije amategeko,ariko ikamenyesha ko idashobora kuganira no guharira ku bibazo bishobora guhungabanya inzego.

Mw’itangazo ryo kuwa 22 rusama ryateweko umukono n’umunyamabanga akaba n’umuvugizi wa Reta Filipo Nzobonariba,Reta y’Uburundi imenyesha ko ukuri ku myiyerekano gutegerezwa kuja ahabona .

Muri iryo tangazo Reta y’Uburundi imenyesha ko kuva imyiyerekano yiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu itangura, Uburundi ari igihugu corohereza ubwigenge bwo kumenyesha amakuru .

Mu gihe hari amaradiyo yatwewe Reta y’Uburundi ivuga ko iriko irakorana n’abegwa bose n’ico kibazo mu ntumbero yo gutegura amategeko ibimenyeshamakuru vyokorerako muri iki gihe c’amatora.

Ku bijanye n’amatora Reta y’Uburundi irashima ingingo yo kwigiza inyuma umunsi w’amatora y’abashingamateka n’abajenama b’amakomine nkuko vyari vyasabwe n’abegwa bose n’ikibazo c’amatora harimwo akarere n’amakungu.

Reta y’Uburundi imenyesha ko yugururiye kuja mu biganiro bishigikiwe n’amakungu kugira iganire n’abarundi bose.Yiyemeje gukurikiranira hafi ko abahagaritswe bashatse gutembagaza ubutegetsi bocirirwa imanza hisunzwe amategeko,abahunze nabi bakishikana.


IGIHE

Messages

  • Ntawokwemera za ntwaro za Kajaga= Kajagari.
    Ntaho zitaniye n’ ivyaduka kuko ntituba twabatoye.
    Kandi ni ukunigana ijambo abarundi no kutwaka uburenganzira bwo kwitorera
    abatuganza. Abo banyepolitike bakorera muri quelques quartiers z’ I Buja ntabotuzi.

  • Igihigu corohereza gute ubigenge bwo guhikiriza amakuru kandi yarateye igaturira amakuru ikoresheje amaradio yigenga? Ntawusaba guhungabanya inzego, ikibazo ni ikiringo ca gatatu ca petero Nkurunziza.

  • Gerageze mube invuga kuri.
    Ni bande baturiye RADIO TELEVISION REMA???
    S’ abo bari mwibarabara hamwe n’ aba putschistes?
    Les manifestants nibasubize ibikoresho bivye vya REMA.

  • mbega amaradio yatew nande?amategeko ntayo barifise? bizoteba bimenyekana ntakinara umwanya burets kandi kakanira bagabo ntimye

  • Umupfu ntiyinukira! Mu burundi ubu turafise Reta? Aho Nyamitwe ariwe ategeka! Vyanka bikunda nta Nkurunziza asubira kwonona iki gihugu Abarundi yoba yatubonye.

  • turasavye
    Abarundi tuje tuvugisha ukuri mbega abo yovugiye nibo boyiturira,petero ariko arasambura igihugu ariko azovyishura.ntaho peter ataniye na idiamin dada.komera

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.