IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi yakiranye umubabaro urupfu rwa Dr Myles MUNROE, (...)

Reta y’Uburundi yakiranye umubabaro urupfu rwa Dr Myles MUNROE, OBE

lundi 10 Munyonyo 2014

Reta y’Uburundi imenyesha ko yakiranye umubabaro ntangere urupfu rw’umukozi w’Imana Dr Myles MUNROE, OBE hamwe n’umutambukanyi wiwe eka n’abandi bari kumwe nawe bagera ku ndwi.

Muri iryo tangazo ryateweko umukono n’umunyamabanga mukuru wa Reta akaba n’umuvugizi wayo Firipo Nzobonariba, akavuga ko urwo rupfu rwashitse kuri uyu wa 9 Munyonyo aho indege yarimwo abantu icenda co kimwe n’uwo mupasitori, hamwe n’umukenyezi wiwe yahura n’isanganya abayirimwo bose bagaca bitaba Imana.

Umuvugizi wa Reta y’Uburundi akibutsa iminsi uwo mupasitori yamaze mu Burundi mu ruganda n’indongozi zitandukanye Reta y’Uburundi, aho yerekanye ubwenge eka n’ubwitonzi mu nyigisho yatanze.

Muri iryo tangazo, umuvugiziz wa Reta y’Uburundi akaba arangiza amenyesha ko Reta isangiye umubabaro n’umuryango wabuze eka n’abanyagihugu bose ba Bahamas.


Aristide Nizigire

Messages

  • uko niko abaDD bafora amazuru iyo babaye???bariko barabesha ko babaye??abarundi bapfa imisiyose ntibabaza kiretse abznyamahaga !!!????nimwe mwamusemye jiyo muja

  • Iyo ataza muri iki gihugu gitwagwa n’amashetani kumbure aba akiriho. Aba ba dd barasema : ehe Colonel Rwamigabo, Rududura, n’abandi bose bagize ico bashize hejuru kuvyerekeye intwaro mbi yabo. Ariko ntaco nabo nyene bariko barisema! akari inyuma karahinda, rindira ba "rukoti" ni babona birya bikoti vyabatabukiyeko, inzara ikabaremvya, bakarambigwa gukora ivyo batumwe, mwibaza ko bazoca bakora iki?? Bazoca bahindukirira kubabatumye ivyo nyene, intwaro yabo ibe iragiye, bate bomoke, yamara sinzi iyo bazoja, kuko même la nature les a vomis !!!!!

  • Rimwe mubuzima uyu mugabo arahojeje umuryango wabuze ntavuzeko yigize uwerekwa kuko atabokozeko kuvyo yama akora!uwutahari ntibabura kumuvuga neza!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.