IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta y’Uburundi yatanguje ibikorwa vyo gufasha abasinzikajwe n’imvura

Reta y’Uburundi yatanguje ibikorwa vyo gufasha abasinzikajwe n’imvura

jeudi 13 Ruhuhuma 2014

Reta y’Uburundi yaraye ishinze umurwi w’abashikiranganji ugiye gukurikirana ku munsi kunsi ibikorwa bijanye no kugarukira hamwe no gufasha abanyagihugu basinzikajwe n’ikiza c’imvura giherutse guhitana abantu barenga kw’ijana mu gisagara ca Bujumbura no mu micungararo.

Inyuma y’aho imvura y’isengenya yaguye mw’ijoro ryo kuw’Imana wa 9 Ruhuhuma ihitaniye ubuzima bw’abanyagihugu, abasigaye bakaba bari mu kangaretete, Reta y’uburundi n’amashirahamwe atari make baragarukiye abacitse kw’icumu mu kubaronsa imfashanyo.
Nkuko vyashikirijwe na Simbaruhije Melchior,umuvugizi w’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, inama nshikiranganji yarakoranye ku munsi w’ejo wa gatatu, igenekerezo rya 12 Ruhuhuma 2014 kugira yige ikibazo c’ukungene abasinzikajwe n’ikiza c’imvura bogarukirwa. Haciye hafatwa ingingo ko hoba umurwi wo gukurikirana ico kibazo ari naho haciye hagenwa umurwi w’abashikiranganji urongowe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, Gerevazi Rufyikiri.

Mu ngingo zashikirijwe zigiye gukurikizwa kugira igikorwa co gufasha abasinzikajwe n’ikiza c’imvura kigende neza, akaba ari izi zikurikira :

Abanyagihugu basinzikikajwe basabwe kwiyandikisha bidatevye mu turere n’amasite mfatakibanza baherereyemwo gushika kw’igenekerezo rya 14 Ruhuhuma. K’uwuzofatwa yiyandikishije mubasinzikajwe atarimwo, akazohanwa vy’akarorero hisunzwe amategeko.

Kubw’ibiziga vy’abahitaywe n’iyo mvura bikiri mu buruhukiro bw’ibitaro bitandukanye vyo mu gisagara ca Bujumbura, ababo basabwe kuhashika kugira bafashe mw’idondora vy’abo bitavye Imana kugira nabo bapfubane iteka.

Reta y’Uburundi imenyesha abayifasha bose bipfuza nabo gufasha abasinzikajwe n’ico kiza, ko imfashanyo zabo zoshikirizwa umushikiranganji ajejwe umutekano w’abanyagihugu.

Site ya SABE yasabwe kwugarwa kuva kuri uno munsi wa kane igenekerezo rya 13 Ruhuhuma. Abanyagihugu bari basanzwe bahaba bakaba basabwe kuja mu bibanza vy’imfatakibanza vyeteguriwe abo basinzikikanjwe n’ico kiza c’imvura.

Abatwara imiduga itwara ibintu n’ibidandazwa hamwe n’amabeni bakaba bibukijwe ko bibujijwe guca mw’ibarabara rya Bujumbura Bugarama gushika risubiye gusanurwa.

Mwomenya ko ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta bwasabwe na Reta y’Uburundi kwugurura biterenze uno munsi kane wa 13 Ruhuhuma 2014 ikonte mw’ibanki nkuru y’igihugu ndetse no muyandi mabanki y’abikorera utwabo kugira abipfuza gufasha bashobore gushirako intererano zabo.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.