Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Reta ya Nigeria yemeye ibiganiro n’abarwanyi ba Boko Haram
 Reta ya Nigeria yemeye ibiganiro n’abarwanyi ba Boko Haram
 Reta ya Nigeria yemeye ibiganiro n’abarwanyi ba Boko Haram
				
				mercredi 14 Rusama 2014
Reta ya Nigeria yamenyesheje ko yiteguye kuganira n’abarwanyi ba Boko haram kugira izo nkozi z’ikibi zishobore kurekura abanyeshure b’abigeme 223 banyuruje mu Buraruko bushira Ubuseruko bw’ico gihugu.
Inyuma yaho ku munsi wa mbere Reta ya Nigeria irahiye ikarengwa ko itariko iraganira n’uwo murwi w’iterabwoba, abategetsi ba Nigeria bahinduye aho bahagaze Bagize bati :’’Turiteguye kuganira ku ngorane zose , hamwe no kucerekeye ba banyeshure banyurujwe n’abo bagizi ba nabi. ’’,Nk’uko vyamenyeshejwe kuri uno wa 13 Rusama.
Tubibutse ko Abba Moro umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu muri Nigeria, yari yavuze ko atari abo barwanyi b’intagondwa baje gutegeka Reta ico Nigeria itegerezwa gukora. Yari yamenyesheje ko abo banyeshure bagera kuri 223 hagiye gukorwa ubundi buhinga bukomeye kugira abo bana bafashwe mpiri basubire mu miryango yabo. Mukamenya ko amasanamu y’abigeme bagera kw’130 yabonetse yerekanywe na Shekau. Abo barwanyi bakavuga ko batazorekura abo bana, nabo batarekuriwe abavukanyi babo bapfunzwe na Reta.
Floxella Karire
