IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta yagirije Zeid Ra’ad Al Hussein ko yakoze irementanya

Reta yagirije Zeid Ra’ad Al Hussein ko yakoze irementanya

vendredi 22 Ndamukiza 2016, par egide

Reta y’Uburundi yamenyesheje ko yatangajwe n’ivyashikirijwe na Zeid Ra’ad Al Hussein, icegera c’umunyabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ajejwe agateka ka zina muntu ari ugushaka gucanishamwo inzego z’Uburundi, kuko kubwa Reta y’Uburundi, ivyagirijwe Uburundi ari irementanya.

Mw’itangazo Reta y’Uburundi yasohoye, bamenyesha ko ivyo vyashikirijwe na Zeid Ra’ad Al Hussein ariko vyama bigenda iyo hitezwe isango rikomeye nk’inama ifatirwamwo ingingo, muri Reta bagatanga akarorero nk’ivyashikirijwe n’uwo Zeid Ra’ad Al Hussein imbere y’amatora, canke igihe abakuru b’ibihugu vya Afrika bari bimirije gukorana kugira barabire hamwe ikibazo c’ukurungika inteko mvamakungu mu Burundi.

JPEG - 2.4 Mo
Firipo NZOBONARIBA, umuvugizi wa Reta y’Uburundi

Ku vyashikiirjwe na Zeid Ra’ad Al Hussein kw’ivangura ry’amoko mu gisirikare c’Uburundi, hamwe n’abasirikare bahora ni gisoda ca kera bahohoterwa, Firipo Nzobonariba, umuvugizi wa Reta y’Uburundi avuga ko ari ibinyoma, kuko ukuntu igisirikare cubatse hisunzwe amasezerano y’i Arusha, bigoye ingene amoko yocanamwo, akavuga ko n’ihonyabwoko rivugwa mu Burundi ritoshoboka.

Reta y’Uburundi ikamenyesha ko yiyamirije ibinyoba bishikirizwa n’abantu bishimikiza ibibanza bikomeye vy’amabanga bajejwe, kugira bashike kuvyo baba bateguye.

Icegera c’umunyabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ajejwe agateka ka zina muntu Zeid Ra’ad Al Hussein aheruka kugabishije kw’iyongerekana ry’igitigiri c’abantu bahohoterwa mu Burundi, amenyesha kandi ko atewe umutima uhagaze n’ivyegeranyo biteye amakenga ku bibanza vy’ugupfungiramwo abantu i Bujumbura hamwe no hagati mu gihugu.

« Kuva mu ntango z’umwaka w’2016, umurwi wanje waronse n’imiburiburi abantu 345 bahohotewe. Ico giharuro kibabaje cerekana neza ihohoterwa ryakwiye hose kandi ribandanya kwiyongera, rigakorwa n’inzego za Reta zijejwe umutekano », Zeid Ra’ad Al Hussein akamenyesha ko muri rusangi, igitigiri c’ingereranyo cerekana ko kuva mu kwezi kwa Ndamukiza 2015, abantu bagera ku 595 aribo bahohohotewe.

JPEG - 35.6 ko
Zeid Ra’ad Al Hussein, icegera c’umunyabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ajejwe agateka ka zina muntu

« Ihohoterwa n’ukuborezwa igufa vyibonekeza cane cane mu guhagarika abantu, mu gihe abafashwe bashikanwe aho bapfungirwa canke mu mwanya bamara bapfunzwe, cane cane mu busho bw’igendereza, mu giporisi, hamwe na rimwe rimwe mu gisirikare. Abakora iryo hohoterwa gushika ubu ntibakomwakomwa. »

Zeid Ra’ad Al Hussein, icegera c’umunyabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ajejwe agateka ka zina muntu amenyesha ko abapfungwa benshi mu bashoboye kubonana n’umurwi wiwe mu ndwi ziheze bari bagifise ibikomere bitarakira, bamwe muribo mbere bakaba batanashobora gutambuka atawe bifadikije, inyuma y’ugukubishwa imisipi y’abajejwe umutekano, ivyuma, canke bakaba baraturiwe. Bamwe muribo bakaba bamenyesheje hari n’abanyororo banyegezwa mu tuzu twa surwumwe, kugira abandi bapfungwa ntibabone ibikomere vyabo, canke abaje kugendera abanyororo ntibababone.
Zeid Ra’ad Al Hussein agasaba Reta y’Uburundi gukora ibishoboka vyose kugira ihohoterwa n’ukuboreza igufa abanyagihugu bihagarare.

Zeid Ra’ad Al Hussein, Icegera c’umunyabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ajejwe agateka ka zina muntu aranegura kandi igandagurwa ry’abanywanyi ba CNDD FDD rimaze iminsi ryibonekeza, cane cane indongozi zatowe muri uwo mugambwe.


IGIHE

Messages

  • Uyo mugabo akora reports ziwe nkuko umengo ni dictée bamuhaye. Ico gihugu kivugwa mwo ivyo yandika ntikibaho. Niba kibaho si Uburundi.

  • Nimureke kuza muravuga ibintu mwisunze amasezerano yarusha kuko birazwiko mwebwe mutayemera kandi mutayubaha kuko yabananiye kubahiriza kubijanye nibiringo vy’umukuru w’igihugu ntimwoza kuyubahiriza muzego zumutekano nimureke kuza muravuga mwivuguruza mwaramaze kwerekanako amasezerank yarusha atabara ikizwico mukinda mugaramye mukinda mwubamye nuko muzotegerezwa kuyubahiriza atabahamagaye kuko amasezerano yarusha kubarundi ndayagereranya numukobwa yabaye mwiza abahungu ariwe barwanira naho ivyokuvuga irementanya none igituma mudashaka kwemerera intumwa zigenga mvamakungu ziza gukura amatohoza nigiki niba muvugako mwera nimubareke baze hama ikinyoma gikubirwe ahashashe

  • Emwe ntibitangaje uvuga uko usa,mbeg’ububi we

  • ibinwa.Ahonguravuze.nzobonaruba?Urakarandukantimwamazabeneburundi.

  • Nzobona Rigwa ibara ntawokuraba atararya

  • komera mutama, bandanya ukorera igihugu nayo izo ntozo zabazungu zituveko,sinzi ico badushakako?ariko twaramenye icobashaka. abo barundi bahawe ikikintu CENARD nabazungu nibo bashaka kugurisha igihugu kubazungu naba:abaja sinduhije,pie,nyangoma minani ntiba nabandi,twebwe abarundi turanse kuba abaja babazungu,mutama porte palole turagukunda twe abarundi ,rero bazungu MVAKO!

  • Uyumugabo ngoni Hussen ntahataniye nabamwe baguma bakokeza ngo nabambwe nabambwe cagihe bariko bararenentaniriza Yezu ubonako bamwo mubavuga ngo Yezu nabambwe nabambwe hariho abaribafise inshusho ISA nuyumugabo.
    Yewe uzopfa wihambe.

  • Umuntu yanditse akoresheje izinaryanje atuka uyu nyakwubahwa nubaha cane vyakatarabaho Philippe Nzobonariba umuvugizi wa reta yacu yu Burundi, ndemeza ntakeneranya ko urinze ufata izinaryumuntu ukarikoresha mugutukana ntahubutaniye nabamwe bamazigihe bica abarundi bakaca batangaza ngo amakungu nabakurireho iyi reta iramaze abarundi ibica. Umva ndakubwire wewe niwaba uri ngaha Burundi niwewe wirirwa urica abarundi, canke unyegeza azakwica, niwabanaho uri hanze yuburundi urimubirirwa barajusanya amahera yikurungika muburundi yoguha abaza kwica abarundi. Ndaziko murivyimvuze harimwo nimiburiburi kimwe cukuri Imana niyocabina.

  • Nubwo uyu Hussein abonekana mumvugoyiwe nkuwushaka kwaca umuriro, harimwo ikintu yavugishije ukuri kijanye nuko abanwanyi ba CNDD FDD bariko barakorerwa jenuside yabivuze mwaya majambo ngo :
    NDANEGURA IGANDAGURWA RYABANWANYI BA CNDD FDD CANE CANE INDONGOZI ZATOWE MURUWO MUGAMBWE.
    Ahorero ejosiheza KUBARIKORA barabikora nubwo agapfuye kabazwa ivu.
    Uyumusi wonengo abariko barica aboba DD barashigikiwe namakungu ariko muzorebe intumbero zabo nizarangira ukuntu bazofata umwanya wambere mukuvugako abagandaguye indongozi za DD bakwiye gufatwa bakarengukishwa imbere yu butungane.

  • Iyonkuru ntacondayivuzeko ariko uwurenganya mugenziw imana izobimubaza imber yinteb yimanza

  • Iyonkuru ntacondayivuzeko ariko uwurenganya mugenziw imana izobimubaza imber yinteb yimanza

  • Mutama Nzobonariba nawe usaziye uburundi nabi !.Mbega komutangaza ngo nirementanya ririko rikorerwa reta, ivyo uyo munyamahanga yatangaje nukuri kudahinyuzwa, kuko ibikorwa bikorwa izuba ryaka, nukuri uko babavuga niko muri abantu mwabahoneje abatishwe bakorerwa amabi ateye isoni. iconzico murindire hazogirigihe muzovyishura, abategetsi mumenyereye gukorera amabi abo mutwara,nzahindurimirisho mugahungira mubihugu vyohanze, kwibutse benewanyu babanyarwanda barakoze ihonyabwoko rya batutsi, munyuma birukira hanze ngo barahunze, unomusi barondezwa urushinge, utarafatwa nawe nubu araciruka atayasavya. namwe bizobuko isi yaramaze kwaga ntaho muzohungira kabisa. pore muri bijuju iyo mubabandi mwokwikebutse mukareka kusinzikaza ibiremwa vy,Imana.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.