IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta yagirizwa ko idashitsa ivyo yiyemerera

Reta yagirizwa ko idashitsa ivyo yiyemerera

mercredi 20 Ndamukiza 2016, par egide

Intumwa idasanzwe ya Barack OBAMA mu karere k’ibiyaga binini yasavye Reta y’Uburundi ko yokwubahiriza ivyo yiyemeje, akavuga ko ikibazo c’Uburundi cafashe umwanya munini kubera Reta idashira mu ngiro ivyo yiyemerera.

Inyuma y’urugendo yarimwo mu Burundi kuri uwu wa kabiri, imbere y’uko arusozera, Thomas Perriello, intumwa idasanzwe y’umukuru w’igihugu Barack OBAMA mu karere k’ibiyaga binini yarahaye ikiganiro abamenyeshamakuru, aho yamenyesheje ko ukudashitsa amasezerano Reta igira arivyo bisubiza inyuma Uburundi mu ntambwe y’ugutorera umuti ibibazo bihari.

"Dutera intambwe imwe imbere, hanyuma zibiri inyuma. Twari twahawe, haraheze indwi nke, amasezerano akomeye y’umukuru w’igihugu ubwiwe yiyemereye ko hagiye kurekurwa abapfungwa ba poritike. Ivyo ntivyakozwe. Twari twahawe amasezerano y’umukuru w’igihugu yemeye ko horungikwa abarorerezi 200 b’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, ariko bibandanya kuba nk’urukino."

JPEG - 60.4 ko
Thomas Perriello, intumwa idasanzwe y’umukuru w’igihugu Barack OBAMA mu karere k’ibiyaga binini

Thomas Perriello aranegura ihohoterwa n’ukuborezwa igufa bibandanya kwongerekana mu Burundi, nk’uko vyashikirijwe na Zeid Ra’ad Al Hussein, icegera c’umunyabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ajejwe agateka ka zina muntu.
Iyo ntumwa idasanzwe ya Barack OBAMA mu karere k’ibiyaga binini amenyesha imvugo zibiri zikoreshwa na Reta y’Uburundi arizo zituma umwizero utagaruka mu Barundi. Ku bwiwe, ntivyumvikana ingene Reta y’Uburundi yomenyesha ko yiyemeje gucungera umutekano w’abarundi kugira bashobore gutahuka, muri uwo mwanya nyene hakaguma hasohoka ivyegeranyo bivuga ihohoterwa, ukuborezwa igufa hamwe n’ubwicanyi ndengerabutungane bibandanya gukorwa mu Burundi.

Inyuma y’urwo rugendo yasozereye mu Burundi kuri uwu wa kabiri, Thomas Perriello yaciye yerekeza mu gihugu ca Tanzaniya, mu gisagara ca Dar Es Salam, akaba agiye kubonana na Benjamin William Mkapa yahoze ari umukuru w’igihugu wa Tanzaniya, akaba aheruka kugenwa kugira afashe mu biganiro bihuza Abarundi.


IGIHE

Messages

  • urahumbasha muhora mwigira ibihangangekwisi rero uburundi naharagahugu gatoyi bugiyikubacisha bugufibasi, mwemereye CNARED ubuki kandimutegeka none raba ukuntu muriko muramaramara..... ahumbwo nibaze basabimbabazi sebarundi nyenicubahiro NKURUNZIZA kandi azozibagirira kuko numusenzi yubahiMana, bitabayuko ntimuzomutsinda kuko IMANA irikuruhande rwiwe....nabado

  • bandanye mugirizongendo atacozivamwo harige muzobazwa icizongendo zamaze nuko batarabakorora murizondege zany

  • communauté internationale ntaco tukibazeyeko kuko umwaka uraheze abantu bicwa na Nkurunziza atagitabara. Karaciye ingani ngo muhendahende umwicanyi nkuko umenga harico mumukeneyeko? Ndabagaye kabisa

  • None uyomusaza w,Umunyamerika wombwirako atanakimwe yabonye cakozwe?Gushikiriza Ibitagenda neza ibigenda neza navyo ukabihora sivyo mutama!!!

  • Ahubwo murarushe!uyo mugabo yabuze icakora iwabo ?mbe obama yibagiye amajambo aheruka kuvuga kuri Libiya?yicuza kumaraso yanyoye yabanya libiya?ako kagabo nako aguma arungika mugihugu kamazekuza incuro 5 nukuri mutarushe! bashaka kuguma banywa amaraso yabarundi yoyo ararura nimba aya libiya yarabasoseye,Nagomba kubwira Abarundi mubwire ubwo bugabo bwabazu muti"MVAKO"

  • mbega gamwazungumwe muguma mwikwega muburundi mudutegeka ivyodukora mwahenze abanyagihugu bumuriribiya bagumukana kadafi none murabona ayobagowe kuberamwenwe none ubunaho muje muburundi kutugira nkaribiya murahumba abarundi twaciyubwenge nimitende kwakagame niwe musangiye ubukozibwibi mutureke twebwe abarundi

  • Turashima gose utwigoro twamakungu nacane cane leta zunzubumwe zamerika kubibazo vyugarije uburundi mugabo ico tubasaba nuko bofata ingingo ziboneka zo gukingira abanyagihugu batisunzi ikintu nakimwe babwirwa niyo leta yicaduka kuko umugambi wayo aruwo kumara abanyagihugu kuko birazwi Ko muburundi atareta ihari ntakamaro rero kuko amakungu yokora ikintu irinze guhanuza abobantu kanatsinda nabicanyi nibo bariko barica abanyagihugu ntabwo rero wofata amabingira nguyarindishe intama icodusaba amerika nuko yovugutira umuti abobicanyi nkuko yama ibigira nahandi kanatsinda igendera kungingo zibiri iyibiganiro ningumvu none rero kuri nkurumbi nakarwi kiwe inzira yibiganiro barayase urumvako igisigaye arukubasukako amabombe

  • Umva ndakubwire wamugabowe mengo ukoreshwa na Satani ndashaka mutahure neza igitumye ndamwitako akoreshwa na Satani: wokwubahuka ukagiriza reta ngontabushake ifise mugukundanisha abarebana nabibi ngokandi ntiyapfunguruye abanye politike ngokuko abagerageje gutembagaza ubutegetsi urikurabona bagipfunzwe? Akogacomekererezo kokugira Africa igumemwo imirwi yabavukana baterana ama kudeta mumenyeko mwinomyaka kwibihugu vyose vyomuri Africa biriko birabona icomuyishakira, kuko murigera abogushakira amahoro ibindibihugu kumbe muriko murashaka ko ibintu Buhangara. Umva namwe umuntu araje ntanuguhoza inzego zumutekano zuburundi ziheruka kwicirwa intwazangabo ! Reta iracari mukigandaro cintwazangabo zayo zaraye zihitanywe numugera wabaryabashatse gutembagaza ubutegetsi. Ariko iyontumwa ngoni Barack Obama ntanaka message asigiye abobantu bashe izontwazangabo kokubabwirako abakora amabi nkayo bazobibazwa! Ariko jewe nkuwumaze gutahura abobany’America iyobabonye umuntu muri Africa asanuwozana akajagari gashobora kuzakarica abantu uwibacabamureka ahubwo uwushatse kubarwanya acabumwansi w’America nincuti zayo, ndafise uburorero: ntagihugu kibangamiye even igihugu baco gusumvya u Rwanda, ntagihugu kibaniye nabi ibindibihugu nku Rwanda, ntagihugu kitihanganira abatavuga rumwe na reta yaco nkigihugu cu Rwanda etc. Ariko murazombarira akogakubeto gakorerwa uburundi kuzokwumva bagakora ku Rwanda? Bisigura iki? Bisigurako uwowese akoribintu vyotuma amahoro asasagara mugihugu ciwe bamwita mubi noneho bakamuteza abamubuzagiza gutsimbataza amahoro bagatangura gukora amabi maze bakaca barushaho kubwira wawundi yishakira kwabantu botekana ngo niwe yabikoze bakamugerekako ivyobibi vyose. Murazoreba ukuntu binumiye ku Rwanda! Burya sikindibivako nukubera uwushaka kubincuti ya Amerika arimuny’Africa akoramabi mugihugu ciwe canke nahandi muri Africa uwo acaba incuti ikomeye y’America. Murirusangi rero America ukwibona abany’Africa nuku: UMUGOROROTSI BAMURABANABI AKORA IVYIZA BAKAVYITA BIBI, ABABI KENSHI USANGA ARIBO BASHIMWA/BASHIGIKIRA.
    Mbemuremerako America ko iticaye ngoyige ukwoyohindura kukuntu imaze imyaka nimyaka ikorana na Africa ko Afrca ishobora kuzokoza ibara/isini America mugihe America itohindura ukwoyifata mubihugu vy’Africa?
    Mbeburya nurabonako ibihugu vy’Africa bisanibiriko birabona neza America iyariyo kubijanye na w’Africa?
    Rindira muzobibona.

  • niko aba bazungu barasara pe!!!!!!!!!!ni bagende gutorera inyishu yikibazo igihugu ca Libya gifise kandi vyatewe na America ubwayo hamwe na Otane

  • Mr inclusif maybe a belgium!!
    Why not remove mr inclusif then just negotiate what matter?!!!
    I think the government should give last calendar :if they do not remove mr inclusif then no more negotiations .We can get busy building and securing our country.simple as that!!
    Mr inclusif is that one who come to negotiate ,push ,negotiate and push until he divide then airplane crush ,then tension,then...
    Mr inclusif has a clear agenda is to get total power,slowly.That very smart by the way!!
    Therefore ,if really the solutions of the country matter for the world then it doesn’t real matter to have Mr inclusif on table.We just have to face real and all the issues without him.

  • Uwu muntu yitwa tari n’inyankaburundi kabisa. Mbe tari, k’uvuga ngo birazwi ko mu Burundi ata reta ihari, none abo bategetsi iyo baje bashikira muri salon i wawe? Har’ijambo baza kugusaba? Iyo ndambi yawe izokugeza kure. Uburundi burafise Reta yitorewe n’abanyagihugu, muvyanka muvyemera, n’uko nyene Imana yo mw’ijuru yabitunganije. Nta yindi reta ivuye mu bagumutsi izobaho. Ahubwo muzicwa n’intuntu gurtyo nyene, muvuga aya muhe!

  • Mana,urimanape,bantumukiciyuwvira,umuhutu,umututsi,ukirimumacakubiri,basenzi,ntimwiruhishen,ikibazo,cuburundi,imbereniheza,cane,arikomumenyeko,ugifisakogatima,kabiwese,yabarumututsi,umuhutu,umutwa,baromanzagukuranawo,munyuma,imanizotumabanyamahanga,uzosigara,barocabubahana,kandi,nuwahunzazoshikirwa,nimwihaneg,murekeguteranamajambo,imanayikorere,murorera

  • Uwo mugabo Nkurunziza niko ya mye ntakuri kuzokwigera kuboneka muriwe, ati kuki ? intumwa ya badayimoni ntaho yigera ivugukuri, Nkurunziza nawe uko ya tegetswe na shetani shebuja nikwategerezwa gukora. rero uwo mwami washetani nukumuhagurukira arwanwe bikomeye, bitariko uwoshetani azobandanya kunwa amaraso ya benigihugu mpaka abahejeje.

  • ko muguma mukokeza gusa nkurunziza ntaw mwoshobora ereg yarabiberets ntimwabibony?haa ni umugab pe nkurunziza komera komera urashoboye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.