IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Reta zunze ubumwe z’Amerika zarungitse intumwa mu nama y’abakuru b’ibihugu (...)

Reta zunze ubumwe z’Amerika zarungitse intumwa mu nama y’abakuru b’ibihugu vya EAC

mardi 12 Rusama 2015

Reta zunze ubumwe z’Amerika zarungitse icegera c’umunyamabanga ajejwe ibibazo vya Afrika, Linda Thomas-Greenfield kugira aze aserukire ico gihugu mu nama izohuza abakuru b’ibihugu bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko, itegekanijwe kuri uno wa gatatu, mu gihugu ca Tanzaniya.

Icegera c’umunyamabanga ajejwe ibibazo vya Afrika, Linda Thomas-Greenfield agiye kwitaba inama y’abakuru b’ibihugu vya muri EAC itegekanijwe kuri uno wa gatatu, aho azoshobora gushikiriza amakenga Reta zunze ubumwe z’Amerika zifise ku kibazo kiri mu Burundi, yongere yibutse ko ico gihugu gishigikiye iyubahirizwa ry’amasezerano y’i Arusha n’itanguzwa ry’ibiganiro hagati y’impande zose zegwa na kino kibazo kugira amahoro agaruke, mu gihugu ndetse n’amatora ashobore kuba icuka ari ciza.

Tubibutse ko Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, abicishije ku muhanuzi mukuru ajejwe kumenyesha amakuru, amenyesha ko azokwita iyo nama y’abakuru b’ibihugu vyo muri EAC itegekanijwe kuri uno wa gatatu. Aho mukamenya ko ikibazo nya mukuru azoba ari ukurabira hamwe icokogwa kugira icuka gisubire kuba ciza mu Burundi.


Alida S.

Messages

  • TURARINDIRIYE IKIZOVAMWO

  • jewe nizereko,ubu, bigomba bidadanuke kohaje abasomyi, karuhariwe .

  • aba banyamerika ubwo baje kwivanga muri cino cibazo ntibizoroha nagato nabo bararondera inyungu zabo,kuko bafise ubwobako aba Russia binjira muri africa banyuze mumutima wayo ariwo Burundi.

  • vyiza gusa Etats Unis ifashe Uburundi n’abarundi ntitugwe mu kaga ki ntambara idacika nk’iyo mu 1993 yatumajije imyaka cumi mw(ishamba ndetse no mu buhungiro

  • ndasavye abo banyarwanda ntibasubire kwivanga muvyuburundi ngobariko bashikiriza ivyiyumviro naho bariko baratuzanamwo ivyataye igihe ntibazi nukwandika ikirundi bandika inyarwanda ntimusubire kubaha umurongo nibandike kuri IGIHE.COM co murwanda iwabobo batureke.

    Kuvyerekeye inama yejo nibaza nkurumbi kwatazogaruka azogirako kuko yaragerageje kudushira mubihugu bikenye kw’isi yoye turi abanyuma muribaza!!!

  • ubona Bose boza babona nkuko vyoba byiza mais abatutsi bo umenga nyinabibona

  • Ubu Ibintu Bigira Bije Kumurongo.Ngira Petero Nkurunziza Yase Kumvira Abarundi Ngira Amakungu Azovuga Yumve,ubona Ko Abarundi Bavuga Akica Amatwi

  • Abanyarwanda n’abanyamerika bareke bavyivangemwo. None ko cour constitutionnelle vyayinaniye gusoma no gutahura, reka abogerageza turabe uko nabo babibona!

  • Igisiga c’urwara rurerure cariyaze cimena inda.baramunyara ntakabuza.

  • Umva Neza Mwebwe Muvuga Ibibogaboga Mu Mitima Yanyu Menya Neza Inama Yejo Siyo Kwirukana Nkurunziza Niyo Kubwira Ako Karwi Kwitaba Amatora Umugabo Ntahema Uwundi Ivyo Nimukure Mu Mitwe Azitoza Nkuko Avyemererwa N,ibwirizwa Nshingiro Nume98

  • eeeeeh!!! nkurumbi yahamagajwe kwibutswa itegeko yacuritse ryaterweko igikumu nabashingantahe birakomeye muragabe.
    A vos marques, preeeet, go!!! nkurumbi, adolphe,bunyoni, kazungu na ndakugarika iruka mudahagarara............

  • Nukuri Turasavye Ibihugu Vyo Muri Africa Vyisubize Iteka Mbega Ukwo Kumira Kubutetsi Bimaze Iki Atanico Uriko Ufasha Abenegihugu Rero ABo Muri Eac Tuzibire IZo Ngorane Turanasaba Nkurunziza Yigaye AKwikirikize AMasezerano Yi ARusha Kuko Niyo Agejeje Igihugu AHo Kizere Naho Tubona Gisubira Nyuma Muri Political Stability

  • abanyarwanda dufite ijambo kuko muraduteza umwanda mugire kuba igihugu kitagira iterambere tugire kubatangira amahera kugira mujye EAC nimurangiza abe arimwe muzana na akavuyo ngizo impunzi ngibyo ibiki muguma mumarana mupfa amazuru umenga ikiva mu mazuru ntaco muzi uwo mugabo adashoboye kumva ibyo ibyo asabwa n abanyagihugu bizaronderwa ugira yarutaga mobutu

  • kandi wowe uvuga abanyarwanda ngo ntidutange ibyiyumviro icambere IGIHE.com niyabande nshuti ikindi twe dukorera amafaranga tukaza kuyarira iwanyu n inkumi nziza za abarundikazi muri mutugora ibyo murimo umenga muracyari 1996 muratwicira ambiance muzana ingorane z amazuru

  • ico kigoryi ggj ariko sha ntamutima ufise uyo utaba uri inyenzi ntuba ugomase ayomajambo raba sokuru waw kagome ashaka kwinjira muri politique y ubundi ari ko ho ntazohakura agahanga imbere mwiruke mubindi uburundi mudashako ko abo batutsi tubasanga iyo tukabamara

  • AMAJAMBO MAKE IBIKOGWA VYINSHI!! NYAKUBAHWA NKURUNZIZA NUMUGABO ADASANZWE UBWO BUJAMBOJAMBO BESHI BABUVUGISHWA NUBWOBA NIBA ABANYAGIHUGU BAMWANKA UMUNZANE URI MUKAZU KAMATORA

  • Nukubwira Kagame ko ntazuru ndukeneye mukarere,ndukeneye amahoro mukarere,Naho ibyokurisha amazuru ntabwo bigikora

  • Mwese mufise ivyo mupfa kuko niko bitegerezwa kumera abanyarwanda mufita ibibazo tutigera twinjiramwo namwe nimurabe ivyanyu abarundi ivyacu turabibona

  • Ariko ubu ntabwo abarundi mushushoza ngo mubone ko ubuyobozi bubi mufite aribwo bugiye kubasenyera igihugu??? mwatangiye kuzana ivyamazuru nonese haruwabujije undimuhutu wategeka neza utari nkurunziza??? You think the problems comes from those differences you are claiming?? PLZ be democratic and visionary people,nkurunziza nigiki cokugundira ubutegetsi abanyagihugu batamushaka?? icubahiro,amahera nibindi vyinshi yabonye ntibimuhagije??none agira ububasha afise subwabanyagihugu?? Ikibazo dufise samazuru nivyiyumviro!

    mugire amahoro yimana barundi mwese,ndabakunda!!

  • shaka idonido ivyobaganiriye

  • Peter nibamureke arigwariye. Mu mutwe wiwe nta kigenda kuko wihweje ibokorwa yakoze kuva muri 2005, uburundi bwasubiye inyuma incuro 50. N’ahave aje kwivuza, mugabo abapfumu biwe b; aba camerounais baramwankiye.

  • Ngewe ndasabira abavandimwe baba rundi kumvikakana kuko bikomeye urabonako ari isoni zacu rwatangaga urugero ku burundi

  • NIYUMVIRA KO HAMWE NKURUNZIZA YOYITABA YOGIRA ICO IMUFASHA AKIKEBUKA AKARE ABARUNDI BAKIJANDAJANDIRA ARIKO HAMWE YOKOMANTAZA UMUTIMA AZOBA ARI UMWASI WUBURUNDI NABARUNDI NDASABA KO IMANA YOMUGENDERA IGAKORA KUMUTIMA WIWE IKAMWEREKAKO AMARONKO ATAHO BISA BISANIYE NABANYU

  • Ico Mbona Bokwiga Kukibaz Cerekey Umutekano Kuko Abantu Baguma Bahwera Bazira Ubusa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.