Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Rimwe na rimwe kwerekana ko ushavuye ni vyiza
 Rimwe na rimwe kwerekana ko ushavuye ni vyiza
 Rimwe na rimwe kwerekana ko ushavuye ni vyiza
				
				vendredi 11 Nzero 2013
Ni icigwa cakozwe n’abadagi babiri Marcus Mund et Kristin Mitte, bo kuri kaminuza y’Iena. Nkuko vyavuzwe mubinyamakuru vyinshi, ico cigwa cakozwe n’abahinga cerekana ko abantu bagaragaza ishavu n’ibindi bishobisho nk’akarorero ubwoba bwinshi, bashobora kwongerereza imyanka yo kubaho nk’ibiri.
Kugira bashike kuri ico cegeranyo, abo baganga bakoze icigwa kubantu bagera kuri 6000. Abo baganga rero basanze ko abantu bagumanye ishavu muribo n’ibigirankana ku bintu vyabakozeko cane mu buzima bwabo bagize ico bita hypertension(ni indwara y’umutima, uratera cane) kandi navyo bikandurukamwo n’inzindi ndwara z’umutima, z’amahaha n’ibindi.
Ivyo vyigwa vyerekana kandi ko abagore bafise ishavu ryinshi bakavyigumizamwo bakunda kugwara indwara z’umushishito hamwe no kumeneka umutwe ariko abakunda kuvuga ibibabakiye biyumva neza mu mubiri. Harageze ko mumenya ingene mwifata mufise ishavu kuko abantu bose ngo ntibashavura cokimwe.
Grâce Irimbere
