Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Robert Mugabe yagabanije umushahara yahora ahembwa
Robert Mugabe yagabanije umushahara yahora ahembwa
mercredi 23 Ndamukiza 2014
Umukuru w’igihugu ca Zimbabwe Robert Mugabe yagabanije umushahara yahora aronka, ubu akaba ahembwa amadorare 4000 ahakwa kungana n’amafaranga y’amarundi arenga gato imiriyoni zitandatu ku kwezi.
Robert Mugabe avuga ko azoza arahembwa amadorari 4000 kubera ko ibihe vyahindutse bisigaye bigoye. Niyo ngingo Reta ya Zimbabwe yafashe, iheza ishikirizwa mu kiganiro n’abamenyeshamakuru.
Ariko rero, abamenyeshamakuru ntibigeze bamenyeshwa amafaranga Robert Mugabe yahora ahembwa, muri ico gihugu aho umushahara wo ku kwezi ku mukozi wa Reta ugereranije, ari amafranga angana n’amadorari 300, mukamenya ko muri ico gihugu ibice 80 kw’ijana vy’abantu bashoboye gukora bari mu bushomeri.
- Robert Mugabe, umukuru w’igihugu ca Zimbabwe
Robert Mugabe rero afise imyaka 90, abamuzi bakavuga ko akunda cane ibintu vy’agaciro, akaba asanzwe arongoye ayandi mashirahamwe menshi. Aherutse kwubaka inyubakwa yiwe iciye amafaranga agera ku miriyoni cumi z’amadorare.
Mu kwezi kwa Ruhuhuma igihe umukobwa wiwe yakora ubukwe, Robert Mugabe yari yatumiye abantu bashika 4000 akaba yaciye abaha akaganuke kangana n’amadorare ibihumbi ijana.
Tubibutse ko mu kwezi guheze, Reta ya Mugabe yamenyesheje ko bagiye kugabanya uburyo bwahora bukoreshwa na bamwe mu bashikiranganji ba Reta, inyuma yaho ibimenyeshamakuru bikoze ku makuru avuga ko hoba hari isesagurwa ry’amatunga ya Reta.
Floxella Karire
Messages
23 Ndamukiza 2014, 19:49, par addul gakoza
mugabe nareke guhenda abanyagihugu,akayabu ka dollori amaze kwihereza koba kangana nayo ma dollar 4000 igire itingire guhebwa kukezi!!!
24 Ndamukiza 2014, 10:09, par ibigoyemakungu
ababantu bashaka iki . bareke umutama mugabe agubwe neza bamuhe umushahara umukwiye
24 Ndamukiza 2014, 11:02, par ntanakimwe
niyirire ntanakimwe uwo n’umukambwe wukuri muri africa niwe dusigaranye arinda abagotoranyi ba bazungu.