Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Robert Mugabe yahimbarije kwa muganga imyaka 90 y’amavuka
 Robert Mugabe yahimbarije kwa muganga imyaka 90 y’amavuka
 Robert Mugabe yahimbarije kwa muganga imyaka 90 y’amavuka
				
				samedi 22 Ruhuhuma 2014
Umukuru w’igihugu ca Zimbabwe, Robert Mugabe yahimbaje ku munsi w’ejo kuwa gatanu imyaka 90 y’amavuka. Kuba yayihimbaje atari mu gihugu vyatumye havugwa vyinshi ku bijanye n’amagara y’uwo mukuru w’igihugu wa mbere akuze muri Afrika, amaze imyaka 34 ku butegetsi.
N’aho umuryango, hamwe n’abegereye Robert Mugabe babandanya kwemeza ko amagara y’umukuru w’igihugu Robert Mugabe yifashe neza, uwo mukuru w’igihugu yari kwivuza, aho yabazwe ijisho ry’i bubamfu, muri Singapour. Bitegekanijwe ko agaruka imbere y’uko hahimbazwa uwo munsi mukuru w’amavuka yiwe uzohimbazwa ku munsi w’ejo igenekerezo rya 23 Ruhuhuma 2014, ku kibuga c’umupira kiri ahitwa i Marondera, ku birometero 75 mu buseruko bw’igisagara Harare, akibanza kizoba cahuriyemwo abantu barenga igihugu bazoba bariko baravyina, batamba, basangira imfungurwa n’ibinyobwa bizotwara amafaranga arenga umuriyoni w’amadorare.
Abatavuga rumwe n’umugambwe w’umukuru w’igihugu Robert Mugabe bamenyesha ko iyo minsi mikuru y’uguhimbaza ivuka rya Robert Mugabe ata kindi riba rigamije atari ugusesagura amafaranga hamwe n’ugusamaza abanyagihugu bo muri Zimbabwe bugarijwe n’ubukene n’izindi ngorane.
Egide Nduwimana

Messages
22 Ruhuhuma 2014, 15:29, par Gicocoro
Mugabe ndamwipfurije Aniversaire nziza no kuramba.ariko ndamusaba guhereza abandi nabo ngo batware kuko we ashaje.
23 Ruhuhuma 2014, 17:35, par Kabizi
ico nzi nuko Azi gusinzira mu nama!