IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Rosine COULIBALY yahora ajejwe ibigo vya ONU yasezeye umukuru w’igihugu (...)

Rosine COULIBALY yahora ajejwe ibigo vya ONU yasezeye umukuru w’igihugu c’Uburundi

lundi 28 Ndamukiza 2014

Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yakiriye uwahora ajejwe ibigo vyose vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bikorera mu Burundi Rosine SORI COULIBALY. Muri uwo mubonano, Petero Nkurunziza yasezeye Rosine COULIBALY yahora ajejwe ibigo vya ONU bikorera mu Burundi, kuko yarangije ikiringo ciwe.

Rosine SORI COULIBALY yahora ajejwe ibigo vyose vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bikorera mu Burundi, mu mubonano yagiriraniye n’umukuru w’igihugu c’Uburundi akaba yari aje gusezera Petero Nkurunziza kubw’ikiringo ciwe co gukorera mu Burundi carangiye.
Muri uwo mubonano yagiriraniye n’umukuru w’igihugu c’Uburundi, kuri uyu wa mbere wa 28 Ndamukiza 2014, Rosine COULIBALY yamenyesheje ko kari akaryo ko gushimira umukuru w’igihugu ku kungene bakoranye neza na Reta y’ Uburundi mu migambi y’iterambere rirama, nko mu mugambi bise Burundi-Vision 20-25, na cane cane mu mugambi CSLP2 wo kurwanya ubukene mu Burundi hamwe n’ugufashanya kugarukana amahoro n’umutekano mu gihugu.
Rosine COULIBALY akaba yashimiye kandi Reta y’Uburundi ku kibanza yaronkeje ishirahamwe mpuzamukungu PNUD risanzwe rikorera mu Burundi. Ico kibanza kikazokwubakwamwo inyubakwa nshasha iryo shirahamwe rizohora rikoreramwo.

Ku ruhande rwa Reta y’uburundi naho, umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yashimiye Rosine SORI COULIBALY ku kungene ishirahamwe PNUD ryafashije ibitari bike mu Burundi, mu migambi y’iterambere rirama, aca amenyesha ko Uburundi buzobandanya bokorana n’iryo shirahamwe mu migambi itandukanye.

Mwomenya ko uwo yahora arongoye ibigo vyose vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bikorera mu Burundi yari amaze imyaka ishika kuri itatu akorera mu Burundi, ubu akaba agiye kubandaniriza imirimo yiwe ahandi.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.