Accueil > Amakuru > umutekano > RSF isaba ubutegetsi bwa Congo kurekura Egide MWEMERO
RSF isaba ubutegetsi bwa Congo kurekura Egide MWEMERO
vendredi 23 Gitugutu 2015, par
Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe RSF (Reporter Sans Frontiere) rihamagarira ubutegetsi bwa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo kwikebuka bukarekura Egide MWEMERO yafashwe haraheze iminsi icumi, akaba ataramenyeshwa gushika ubu ico yafatiwe.
Muri RSF bamenyesha ko ubutegetsi bwa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo bwari bukwiye kurenganura Egide MWEMERO, umumenyeshamakuru wa RPA, kuko inzego z’ico gihugu zananiwe gushira ahabona ivyo yagirizwa. Umutekano wa Egide MWEMERO urateye impungenge ishirahamwe RSF, ivyo bakabivuga bisunze ko yafashwe n’igendereza rya gisirikare, ntamenyeshwe n’ico bamufatiye.
Muri iryo shirahamwe bakanegura ko n’iradiyo Le Message du Peuple yafatiwemwo iriko igirwako iterabwoba, aho mukamenya ko iyo radiyo yari yacishijemwo ikiganiro HUMURA BURUNDI ca RPA (Radio Publique Africaine).
- Egide MWEMERO, umuhinga w’ivyuma w’insamirizi RPA
Umumenyeshamakuru wa RPA, akaba n’umuhinga w’ivyuma, Egide MWEMERO yarahagaritswe n’inzego zijejwe igendereza kw’igenekerezo rya 13 Gitugutu 2015 mu gisagara ca Uvira, muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Icatumye ahagarikwa ntikiramenyekana.
Egide MWEMERO yafashwe ari kumwe na bagenzi we Manzambi Mupenge hamwe na Lucien Kanana bakorera insamirizi Le Messager du Peuple yo muri ico gihugu. Abo bamenyeshamakuru Manzambi Mupenge hamwe na Lucien Kanana ba Le Messager du Peuple bahavuye barekurwa, igendereza rya gisirikare risigarana Egide MWEMERO wa RPA.
IGIHE
Messages
23 Gitugutu 2015, 09:01, par Bizoza
Narekurwe Ariko Ararenganywa Kandi Ahabwe N’indishi Ya Kababaro ,congo Irivanga Muvy’uburundi Bapfuye Rumwe Bose Bashaka Mandat Itagira Na Nvura.
23 Gitugutu 2015, 10:03, par kamari
e usanga yaragiye kubigisha unkuntu nabo boza baratuka reta yabo mukuicafuza mubanyagihugu no mumakungu.erega uko Niko eripeya yakora, Congo itegerezwa kuzitira hakirikare ibara ritararwa nko muburundi, e nibabe baramufunga.....
23 Gitugutu 2015, 11:25, par Germain nikwigize junior.
Ahubwo congo yarasaze iza gufata mwemero ko yananiwe naba nyamulenge cank interahamwe iza gusarira kuri mwemero!nibamurekure vuba bwango bataribonerako ayimbwa yaboneye kumugezi.
23 Gitugutu 2015, 14:09, par Ntamoko akirimwo :p
Congo rekuriyontaamaaaaa ;(:p8-):@;>:(:D:>:/
24 Gitugutu 2015, 02:03, par #Bongo#
nibamugumye.kuko ngira yaragiye kubigisha imigumuko nkuko tuzi abamenyeshamakuru ba Rpa Babigenje Mugukwiragiza Inkuru Zibinyoma.Wewe Yaraziko Kongo Ari Urwanda Kwariho Bahejeje Gukora Amabi Beshi Bacabahungira Bakakirwa Nkumwana Yavutse Arumwe.Nibamunyare Iyo Mbwebwe.
24 Gitugutu 2015, 09:35, par Saïdo
Ni Bashire Ahabona Ico Yagirizwa Kiboneka Ata Kadenderezo Karimw Hama Aheze Ahanwe Yisunze Amategeko Canke Ataco Yagirwa Arekurwe
25 Gitugutu 2015, 08:54, par Bir_dragon
Ego Kamari Ararengana Kweri Ko Abirigwa Baturasa Badafatwa Hagahagarikwa Inzira Karenge!! Ntaco Imana Ahizozira Guhora Abayo,vyose Bizoshira Gusa Dukomeze Kwihangana
28 Gitugutu 2015, 21:16, par Diamix
Egide MWEMERO twosaba,ubutungane bwa congo kobwomurekura,akisubirira kumirimo yiwe kuko,ata cobafise bamwagiriza
2 Ruhuhuma 2016, 09:35, par Nzisabira Jean Do Dieu
Jewe Ico Mbona Nuko Abo Bamenyeshamakuru Bobarekura Atagisabwe.
15 Ruhuhuma 2016, 17:49, par Osée Maître Nkundumukiza
None Kuki Egide Mwemero Yogumayo Wenyene Abandi Barekuwe? Biteye Amakenga
4 Ntwarante 2016, 17:01, par Zuma
Huuuusintamasha numuntunkaw
2 Ndamukiza 2016, 09:00, par Jules NININAHAZWE
ubutegetsi bwa congo nibureke gukoreshwa na leta ya bujumbura kuko ntaho bizobashikana kuko ukwo nukwiteringorane kandi atanizo bari babuze.