IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > RSF isaba ubutegetsi bwa Congo kurekura Egide MWEMERO

RSF isaba ubutegetsi bwa Congo kurekura Egide MWEMERO

vendredi 23 Gitugutu 2015, par egide

Ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe RSF (Reporter Sans Frontiere) rihamagarira ubutegetsi bwa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo kwikebuka bukarekura Egide MWEMERO yafashwe haraheze iminsi icumi, akaba ataramenyeshwa gushika ubu ico yafatiwe.

Muri RSF bamenyesha ko ubutegetsi bwa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo bwari bukwiye kurenganura Egide MWEMERO, umumenyeshamakuru wa RPA, kuko inzego z’ico gihugu zananiwe gushira ahabona ivyo yagirizwa. Umutekano wa Egide MWEMERO urateye impungenge ishirahamwe RSF, ivyo bakabivuga bisunze ko yafashwe n’igendereza rya gisirikare, ntamenyeshwe n’ico bamufatiye.

Muri iryo shirahamwe bakanegura ko n’iradiyo Le Message du Peuple yafatiwemwo iriko igirwako iterabwoba, aho mukamenya ko iyo radiyo yari yacishijemwo ikiganiro HUMURA BURUNDI ca RPA (Radio Publique Africaine).

JPEG - 44.2 ko
Egide MWEMERO, umuhinga w’ivyuma w’insamirizi RPA

Umumenyeshamakuru wa RPA, akaba n’umuhinga w’ivyuma, Egide MWEMERO yarahagaritswe n’inzego zijejwe igendereza kw’igenekerezo rya 13 Gitugutu 2015 mu gisagara ca Uvira, muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Icatumye ahagarikwa ntikiramenyekana.

Egide MWEMERO yafashwe ari kumwe na bagenzi we Manzambi Mupenge hamwe na Lucien Kanana bakorera insamirizi Le Messager du Peuple yo muri ico gihugu. Abo bamenyeshamakuru Manzambi Mupenge hamwe na Lucien Kanana ba Le Messager du Peuple bahavuye barekurwa, igendereza rya gisirikare risigarana Egide MWEMERO wa RPA.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.