IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Rugombo : Abanyagihugu bararembejwe n’ibura ry’amazi

Rugombo : Abanyagihugu bararembejwe n’ibura ry’amazi

lundi 30 Ruheshi 2014

Komine ya Rugombo mu ntara ya Cibitoke imaze indwi zibiri itagira amazi, abanyagihugu bo ku murwa mukuru w’iyo komine, bakavuga ko buca barwara indwara ziva kw’isuku rike.

Indwi zibiri zirangiye atamazi muri iyo komine ya Rugombo, ibintu bikaba bigeze ndetse aho ibido y’amazi igurwa amafaranga agera ku 500. Abanyagihugu baremeza ko iyo ngorane y’ibura ry’amazi ije gusongera isibe izindi ngorane z’ubukene zari zisanzwe zibonekeza mu gihugu. Bamenyesha ko ibiza vy’indwara ziva kw’isuku rike bigiye kuzobatera, aha bakavuga nk’indwara ya korera, amacinya n’ugucibwamwo ku bana bato.

Mwomenya ko mw’ishirahamwe Regideso bemeza ko amazi akenye muri iyo komine y’intara ya Cibitoke, ariko bakavuga ko iyo ngorane yama yibonekeza kenshi mu gihe co mu ci.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.