IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ruhororo : Ikibazo c’impunzi kigiye gutorerwa umuti mu mezi abiri

Ruhororo : Ikibazo c’impunzi kigiye gutorerwa umuti mu mezi abiri

lundi 6 Rusama 2013

Haraheze iminsi havurwa ko muri Komine ya Ruhororo iri mu ntara ya Ngozi, hari ukutumvikana hagati ya musitanteri w’iyo Komine hamwe n’impunzi ziri mw’ikimbi yabateshejwe izabo mu gihe c’intambara yo mu mwaka w’1993.

Ku munsi mukuru w’abakozi n’akazi wahimbajwe igenekerezo rya 1 Rusama, Umukuru w’Igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Petero Nkurunziza, yamesheje ko yipfuza ko ibibazo vy’amakambi y’impuzi ziri muri komine Ruhororo ko vyotorerwa umuti mu mezi atarenze abiri kandi ko ico kibazo cokwitonderwa, kigakorwa mu mahoro n’umutekano.

Abanyagihugu bo muri komine Ruhorororo cane cane abahunze mu mwaka w’1993, bagiriza musitanteri ko abagirako iterabwoba kuko ababwira ko igihe kigeze ko izo mpunzi zirukanwa ku nguvu, zigasubira iyo zaje ziva.

Muri abo bateshejwe izabo, harimwo abagabo, abagore n’abana bahunze igihe hari hahejeje kugandagurwa Umukuru w’Igihugu wa mbere yari yatowe n’abanyagihugu, nyenicubahiro Merikiyori Ndandaye ku wa 21 Gitugutu 1993.

Abo bateshejwe izabo rero n’ubu ngo bakaba bagifise ubwoba bwo gusubira iyo baje bava, kuko abasigaye ku mitumba ngo batabaraba neza iyo baroye gusarura imirima yabo nk’uko bishikirizwa n’abateshejwe izabo aho ku Ruhororo mu ntara ya Ngozi.


Aristide Nizigire

Portfolio

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.