Accueil > Amakuru > u Burundi > Rukenkanya yasabwe amasezerano y’Uburundi na FIFA
 Rukenkanya yasabwe amasezerano y’Uburundi na FIFA
 Rukenkanya yasabwe amasezerano y’Uburundi na FIFA 
				
				vendredi 12 Ndamukiza 2013
Inama nshingamateka y’Uburundi, yasavye umushikiranganji w’inkino n’imico kama,Adolphe Rukenkanya ko yohagarika amakoraniro yose y’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi .
Ayo makoraniro yari yatumweko ku magenekerezo ya 21 Ndamukiza  na 5 Rusama 2013.
Ibiro  vy’inama nshingamateka  bikaba vyasavye umushikiranganji , ko yozana amasezerano nkenerwa hagati y’Uburundi na FIFA kugira batorere umuti ibibazo biri mwishirahamwe  ry’umupira w’amaguru  mu Burundi.
Iyo ngingo yafashwe inyuma y’icegeranyo ca sohowe n’umurwi wamaho munama nshingamateka uraba ibijanye n’inkino,inyuma yaho bagiriye ingendo bakishikira kurubuga.
Aristide Nizigire
