IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Rukoko : Icuka si ciza hagati y’abungere n’abajejwe umutekano

Rukoko : Icuka si ciza hagati y’abungere n’abajejwe umutekano

jeudi 6 Ruheshi 2013

Aborereye inka mu kibira ca Rukoko bariko barazimura kuva kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 3 Ruheshi 2013, inyuma yaho hatanguriye ukwutumvikana hagati y’abungere n’abajejwe umutekano nk’uko umukuru w’ishirahamwe ry’abororeye mu Rukoko abivuga.

Nk’uko umukuru w’iryo shirahamwe Hatungimana Jean Baptiste abivuga, inyuma y’aho hari umurwi w’abitwaje ibirwanisho utereye muri ico kibira mu minsi iheze, abajejwe umutekano baho mu Rukoko bagiriza abungere bizo nka kuba bafitaniye imigenderanire n’uyo murwi umaze iminsi uhungabanya umutekano muri ako karere.

Ubu rero abo bungere bizo nka bafise ubwoba bwo kuguma mu Rukoko, ndetse batanguye n’ukuva muri ico kibira, inyuma yaho umwe mu bungere ajaniwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba yagirizwa kuba yari afise amakuru y’uko hari umurwi w’abitwaje ibirwanije wahava uja gutera muri komine Gihanga.

Muri iyi minsi ibiri iheze rero, inka ziriko zirava muri ako gace k’ikibira zijanwa mu micungararo ya Gasenyi, Muzinga, Musenyi ndetse n’imihana ihegereye imwe imwe.

Twobibutsa ko inka nyinshi zatanguye kujanwa muri ico kibanza haraheze imyaka itanu, inyuma y’ingingo y’igisagara ca Bujumbura. Bikavurwa ko muri ico kibira hoha hari haba inka zigera ku bihumbi mirongo itatu.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.