IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Rumonge - Bubanza : Abamenyeshamakuru bavuze ivy’Imbonerakure (...)

Rumonge - Bubanza : Abamenyeshamakuru bavuze ivy’Imbonerakure barageramiwe

vendredi 18 Ndamukiza 2014

Abamenyeshamakuru batatu, Alexis Nibasumba akorera Bonesha FM mu Rumonge, Eloge Niyonzima wa RPA i Bubanza, hamwe na Alexis Nkeshimana akorera Bonesha FM i Bubanza, bose bakoze amakuru y’ibirwanisho vyahawe Imbonerakure za CNDD FDD bariko bakorwako iterabwoba.

Abamenyeshamakuru bo mu ntara zivugwa ko zavuzwemwo itangwa ry’ibirwanisho baronse amakuru abamenyesha ko bashobora gutabwa muri yompi umwanya uwariwo wose. Ku munsi wa kabiri, Alexis Nibasumba akorera Bonesha FM mu Rumonge yamenyeshejwe ko hari umugambi wo kumufatira mu nama yari guhuza umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’abajejwe intwaro. Kubera uwo mugambi, Alexis Nibasumba amenyesha ko yarungikiwe ubutumire bw’iyom nama na Buramatari w’intara ya Bururi hamwe n’umushikirizamanza wo muri iyo ntara, ariko ntiyitaba iyo nama kubera yari yamaze kumenyeshwa ko umutahe wo kumuhagarika wari wamaze gusohoka.

Mu ntara ya Bubanza nayo nyene yavuzwemwo itangwa ry’ibirwanisho, abandi bamenyeshamakuru babiri, Eloge Niyonzima wa RPA, hamwe na Alexis Nkeshimana akorera Bonesha FM baramaze kurungikirwa imitahe yo kwitaba ubutungane, kubera amakuru batanze y’ibirwanisho vyahawe Imbonerakure, ibindi bikavugwa ko bibitswe mu ngoro y’umugambwe CNDD FDD muri iyo ntara ya Bubanza.

Patrick Nduwimana, umuyobozi wa Bonesha FM, imwe muri izo nsamirizi zibiri zifise abamenyeshamakuru bariko bakorwako iterabwoba amenyesha ko bitumvikana ingene abajejwe intwaro borondera gukandamiza abamenyeshamakuru bariko bakora umwuga wabo. N’aho abo bamenyeshamakuru boba bagirijwe gutanga inkuru zitarizo, itegeko rigenga umwuga w’ukumenyesha amakuru rirategekanya uburyo amakuru atariyo abeshuzwa, bikenewe mbere n’abumva barenganijwe bakitura ubutungane batarinze gutera ubwoba.

Mu gihe abo bashaka gukoresha inguvu bafabwa n’amabanga bajejwe bobandanya gutera ubwoba abo bamenyeshamakuru, Patrick Nduwimana, umuyobozi wa Bonesha FM avuga ko bazokwitura ubutungane, bongere bashire ahabona amazina y’abari inyuma y’ivyo bikorwa vy’uguhohotera abamenyeshamakuru.


Egide Nduwimana

Messages

  • ntawukwiye guhanirwa inkuru yabnye ahubwo bikenewe uwufise amakenga akwiye kubaza akamenya ko iyo nkru ari iyukuri. Namba abo bamenyesha amakuru bafise ivyemezo babahigra iki buhongo? Nibabareke bakmeze umwuga wabo. Kuko iki s’ igihe co guhahaza abamenyasha amakuru ahubwo nico kwisuzuma.

  • Aya n’inyifato igayitse abategetsi bahawe na CNDD canke n’AbaDD ubwabo bama bashaka gukoresha igikenye n’ijunja bahabwa n’amabangabajejwe mukubuza mugufunga canke kwicabashira ahabona amatiku yabo y’ibanga kumugaragaro!!Uravye bakoresha ubutungane bwabo bishiriyeho bwitirirwa igihugu ariko atarivyo ariko arubwogusya umutwe uwuhirahira wese akavuga ibitandukanye na CNDD!! It’s really ashemed!!Ntibigera batanga épreuves zibeshuza ko atabirwanisho vyatanzwe ahubwo bahisemwo kwasama ngo bamire uwo wese yagize ico akora ngo iyo nteguro y’ubwicanyi bw’ikivunga ije ahabona!!

  • Ahubwo ntimukomeye neza mwebwe muvuga ngo abamenyeshamakuru ngo bafise uburenganzira bwo guta mukaga abanya gihugu nigihugu,kuki batobanza gutohoza neza amakuru imbere yo kuyashikiriza kuma Radio???.ntanumwe ari hejuru y’amategeko.ahubwo namba bemanga ivyo bashikirije kwari ukuri,nibarenguke bemange ivyo bashikirije,kuko urunva ko babifitiye ivyemezo.atavyemezo bafise naho,bakaba barabeshe abanyagihugu,babasabe ikigongwe,kandi bobo ntibibagora babivugira kwayo ma Radio nyene,nibace aho baciye mukubesha,basabe imbabazi.ataruko naho nibabahane ,babaihanikirize ntihagira nuwuzokwongera gushaka guta igihugu mukaga,canke namba bahengamiye kuri opposition honyene urunva kwibanga ryabo baryibagiye,ntabwo bazi ico bakora!!!.ncanke tuvuge ko basigaye ari abanya politique mubandi.nibahanye inzo ntunva ataco zubaha.

  • jewe ijambo nzokwama mvuga nirimwe canke nzokwama nibuka ukuntu arimwo gutukisha IMANA mwese nivyo mwibuka ukuntu yarahiye afite bibiliya nkaho umunga numukristu twese jewe ntangufu mfise zokurwana nawe arike IMANA iriho iyompera nawene azoyihabwa

  • wese nabumvirije numva mufise ivyiyumviro bitandukanye.erega umu menyesh’amakuru afise uburenganzira bwose bwogushikiriza amakur.muga kenshi nakensh barakunda kuvuga inkuru zitarizo ukumva ayandi ma radio arabeshuje katarivyo.mwico gihe baba bakwiye kubanza gutomora inkuru zo bakareka guhubisha abanyagihugu.

  • kuberiki abobamenyeshamakuru bihuta kuvuga amakuru atagira ivyemezo ahubwo nibahanwe kuko igihugu c’uburundi ahingwano zakigejj harazwi nibaza kwatamuntu yobacipfuza intambara mugihugu uwuyipfuza izohere iwe yongere iherereho.nugucafuza abantu ntabirwanisho biriko biratangwa.

  • None aho babagiririje ko bavuga izo batatohoje;emama ngo ni izica ivutu umunyagihugu ko batarabigaragaza nabo ngo berekane ko babeshew?ahubwo iyaba amabi yabo yose amenyekena tuba twarabahagurukiye hakiri kare ibintu amazi atararenga inkombe

  • Ibiba Iburundi Biratangaj Kuko Nta Murundi Wumutima Abitahura.Imana Yonyene N’itugarukire

  • Abo bamenyesha makuru nobatera intege bavuge ico cose kitagenda neza ,kuko abamenyekanye niko kazi kabo kandi nico kizotuma bakundwa kandi ndabahanura kudacagura uruhande uru naruriya kandi bamenyeko ababitanga bose bazobibazwa ata kubabarira. mukore mutiziganya atabwoba ntaco muzoba turababona.ntimutinye!ntimutinye!

  • TWEBWE ANYAGIHUGU DUKENEYE IVYEMEZO KUKU KUVUGA IBINYOMA BIRAHANWA. HAMA NABO BAGERAGEZE BEREKANE AHO BIRI KND GUHANW WABESHE SIBIBI. KUKU BAMWE BARAHUNZE KUBERA ABO BATANGA INKURU ZITARIZO.

  • None bababuza nkande?komumukora ibijanye n,amategeko nibwirzwa shingiro ataho muhengamiye ahubwo nibabareke mukore ico mutegerezwa gukora.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.