IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Rutegama : Iterambere ryashwaye iyo komine

Rutegama : Iterambere ryashwaye iyo komine

lundi 14 Ndamukiza 2014

Ikomine ya Rutegama iriko iragerageza kwiteza imbere mu butunzi, nk’uko vyavugiwe mu nama yahuje imvukira z’iyo komine.

Komine ya Rutegama iri mu ntara ya Muranvya, yaradugije bimwe biboneka amafaranga yahora yinjiza buri mwaka. Iyo komine ikaba yavuye ku miriyoni 44 z’amafaranga y’amarundi mu mwaka w’2010, ija ku mafaranga angana angana imiriyoni 110 mu mwaka w’2013, nk’uko vyavugiwe mu nama yahuje imvukira z’iyo komine, ku murwa mukuru wa komine ya Rutegama. Iyo komine rero nk’uko vyavugiwe muri iyo nama, ibisata vyose bikaba vyifashe neza, aho nko mu gisata c’indero, Rutegama ni iya mbere mu kumenyesha abanyeshure mu kibazo ca Reta, giha uburenganzira abana b’iya gatandatu kubandanya uw’indwi, ikaba n’iy’umunani mu gihugu cose.

Mukamenya ko abari bitavye iyo nama bumvikanye ko bagiye kwegeranya imiriyoni zigera kuri 50, mu ntumbero yo kwubaka inzu y’igorofa izokoreramwo ibisata bitanduanye vya komine ya Rutegama, imbere y’uko amatora yo mu mwaka w’2015 agera. Ivyo vyose rero, bikaba bishoboka kubera abari mu nama mpanuzwajambo ya komine, bumvikana mu vyokorwa mu ntumbero yo guteza imbere ikomine yabo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.