IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ruyigi : Imvura nyinshi yabomoye inzu zirenga 200

Ruyigi : Imvura nyinshi yabomoye inzu zirenga 200

vendredi 21 Kigarama 2012

Haraheze indwi haguma hagwa imvura ivanze igihuhusi mu ntara ya Ruyigi. Yarabomoye amazu n’amashure arenga 200. Imirima nayo nyene yarononekaye. Abanyagihugu basaba imfashanyo.

Ibimaze kwononekara mu ntara ya Ruyigi kubera imvura ivanze umuyaga w’igihuhusi birateye ubwoba kuko ni vyinshi. Amazu arenga 200 aramaze kubobomoka, komine Gisuru akaba ariyo yababaye cane. Aho habomotse amazu arenga 65. Hari n’ibiti vy’amatara vyarandutse, ikitavuzwe coco n’imirima y’abanyagigu. Ibiharage, ibigori, ibiraya n’imboga mu myonga hasigaye ubusize gusa kuko vyarengewe n’imvura.
Amashure nayo nyene ntiyasigaye inyuma. Muri komine Gisuru habomotse ibirasi 9 n’utuzu twa sugwumwe, muri komine Bweru naho habomotse ibirasi 3, i Nyabitsinda habomotse ibirasi 2 hamwe rero n’uburaro bw’abigisha butari buke muri iyo ntara ya Ruyigi bwabomotse.

Aho hose habomotse amashure, abanyeshure basigaye biga nabinabi ahandi naho ivyigwa vyarahagaze. Musitanteri wa komine Butaganzwa Abraham Ndikumana asaba imfashanyo yihuta cane cane yerekeye amabati kugira abanyagihugu basakare amazu yagurutse hamwe n’ibifungurwa.

Imyonga yararengewe n’urushanga, ahandi naho ku mitumba ibiterwa vyononywe n’urubura. Abanyagihu bo muri iyo ntara ya Ruyigi bavuga ko bagiye kwicwa n’inzara kuko atakintu bazokwimbura. Basaba imfashanyo ku bagira neza babishoboye cane cane imvukira z’intara ya Ruyigi. Nta kwezi kwari bwahere imvura nk’iyo yononye imirima muri iyo ntara nyene.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.