IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ruyigi : Indwara yateye ibitungwa

Ruyigi : Indwara yateye ibitungwa

mercredi 8 Gitugutu 2014

Ubuyobozi bujejwe indimo n’ibitungwa mu ntara ya Ruyigi bumenyesha ko hari indwara yateye ibitungwa, iyo nayo ikaba imaze guhitana ibitari bike.

Nk’uko muri ubwo buyobozi babivuga, ibitungwa bigera kuri 10 biramaze gupfa muri komine ya Nyabitsinda iri muri iyo ntara ya Ruyigi. Ibitungwa bifatwa bigira ubushuhe bwinshi. Mu gisata kijejwe ubworozi rero muri iyo ntara bamaze gutangura kuraba uko ibitungwa vyokingirwa. Mu buyobozi bw’uburimyi n’ubworozi muri iyo ntara ya Ruyigi bavuga ko iyo ndwara yoba yavuye kw’ihinduka ry’ibihe.

Aborozi basabwa igitungwa gifashwe bakabona gifise umuriro mwinshi, ko bokwihutira kurondera umuganga w’ibitungwa, aho kwihutira kugishirako imbugita.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.