IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > SDSN: Uburundi n’Urwanda biri mu bihugu vy’umunezero muke

SDSN: Uburundi n’Urwanda biri mu bihugu vy’umunezero muke

samedi 25 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Igihugu c’Ubusuisse buzwi cane kuri chocolat, ama banki hamwe n’ibibanza vyo kugiriramwo ski (guserereka ku rubura). Ubuswise bwasubiye kuba ubwa mbere nk’igihugu c’umunezero kw’isi ku bw’icegeranyo c’iyu mwaka kibivuga.

Ico gihugu c’ama chocolat, amasaha azimvye, ama banki y’abikorera ivyabo n’ibibanza vyo guserereka ku rubura (ski) ribaye irya gatatu buza kw’isonga ry’ico cegeranyo c’urugero rw’umunezero gikorwa n’ikigo Sustainable Development Solutions Network (SDSN), catangujwe ku mugambi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
Ubuswise bukurirwa hafi cane na Islande, Danemark, Norvege na Canada. Nayo ibihugu nka Togo, Uburundi, Benin na Syria cugarijwe n’intambara hamwe n’Urwanda biri mu vya nyuma mu kunezerwa.

Ico cegeranyo cihweje ibihugu 158, kikaba gifise intumbero yo kugira ama Reta hagire ico akoze kuruta. Ico cigwa gishingira ku bipimo vya Gallup World Poll hanyuma kikaraba ibintu bitandukanye birimwo amafaranga, umunyagihugu aronka ku mwaka muri rusangi, imyaka umuntu ashobora kumara afise amagara meza, urugero rw’ibiturire hamwe n’uburenganzira bwo kwishira no kwizana.

Ikigo SDSN kirimwo abantu b’abashakashatsi bo muri za kaminuza, abo mu ma Reta hamwe n’abo mu gisata c’abikorera ivyabo, icegeranyo caco ca mbere kikaba casohotse mu 2012.


Floxella Karire

Messages

  • iki cyegeranyo ndakigaye cyane , hari ibihugu byinshicyane, hano muri aziya bidafite umunezero ntago rero u Rwanda n’uburundi aribyo rugero rwifatizo..
    yewe haribihugu bikomeye cyanne ariko bidafite umunezero...
    ubwo haricyo bashaka kugeraho...

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.