IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Sentare nkuru y’igihugu yiyamirije rwa rugendo rwitiriwe uwa kabiri (...)

Sentare nkuru y’igihugu yiyamirije rwa rugendo rwitiriwe uwa kabiri w’urwatsi rubisi

samedi 28 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Sentare nkuru y’igihugu ivuga ko itabona ishingiro rya rwa rugendo rwitiriwe uwa kabiri w’urwatsi rubitsi rwatangujwe n’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike hamwe n’ay’abamenyeshamakuru.

Agnès Bangiricenge umuvugizi wa sentare nkuru y’igihugu avuga ko kubandanya urwo rugamba rwitiriwe uwa kabiri w’urwatsi rubisi ari nk’icitwazo catowe n’abantu bamwe bamwe kugira bahungabanye umutekano. Zimwe mu nsiguro atanga n’uko kubandanya urwo rugendo bavuga ko ari urwo gusaba Bob Rugurika ko yokwidegemvya burundu hamwe na Petero Karaveri Mbonimpa, irekurwa rya Christian Claude Butoyi hamwe n’ubutungane kuri ba babikira batatu bitagira ishingiro na gato. Avuga ko idosiye ya Bob Rugurika iri mu butungane nk’abandi bose kandi ko iriko igenda neza uko bisanzwe. Avuga kandi ko ubutungane buriko burakora iyo dosiye igihe nicagera naho bakazoyishira mw’ido n’ido.

Ku cerekeye idosiye ya Petero Karaveri Mbonimpa, Agnès Bangiricenge umuvugizi wa sentare nkuru y’igihugu, amenyesha ko igeze muri sentare zibifitiye ubushobozi, igihe nicagera sentare ikazoca iruhamagaza mw’ido n’ido. Mu majambo make rero avuga ko atacosigura ko bokora dosiye imwe y’abo bantu babiri gusa kandi hari n’abandi bafise ivyo bagirizwa n’ubutungane.

Ku kibazo naho ca Christian Claude Butoyi, uwo yagirizwa kuba yaragandaguye ba babikira batatu, kuwa 23 Ruhuhuma yarajanywe mu bitaro vy’abagendana indwara zo mu mutwe mu kigo CNPK co mu Kamenge kugira hakorwe ibipimo, nk’uko Agnès Bangiricenge abandanya abishikiriza. Ibindi bikurikira iyo dosiye bikaba bizovana n’ivyo abaganga bazoba batoye. Umuvugizi wa sentare nkuru y’igihugu yongerako ko ku bijanye n’amatohoza y’urupfu rwa ba babikira, ko iyo dosiye iriko irakorwa uko bisanzwe bigenda, abahagarariye amategeko bakaba babandanya gukorera ku makuru yose bahabwa kuri iyo dosiye, igihe nicagera ubutungane bukazomenyesha ingingo zafashwe.


Floxella Karire

Messages

  • turasavye mube muza muratwereka amafoto yabantu bamwe kuko turakenera kubamenya nkuyo agnes ari mumafuti menshi il faut ko abantu bamumenya.

  • Wamuvyeyiwe jewe narumiwe kubona ubutungane amashirahamwe avugako adaharanira ivyicaro asanayamaze kuburengera kugezayaho iyoburikoburakora akazikabwo acahaguruka ngo murekure murekure!!!. Ruryarugendo rwokuwakabiri nurwamafuti kandi ubikurikiranyeneza biryabakora birahanywa namategeko rindira gato.

  • Ako kagore nukugahohosha we rindira gusaaaaaaaaaa akayaya ka leta ya cndd fddmuga gakora uko gasa nagatuntukaziiiiiiiiiiiiii

  • nora amafoto ya agnes uraza ndayaguhe kuko naya bob, claver na pacifique na tacien yose nabandi tuguma twegeranya. izoba inere kuyindi

  • We agnes ivyo murabikora mwitwaje igikenye muhabwa datawanje n’umugambwe CNDD,mugucinyiza abandi,mubapfunga ,mubabuza ubwigenge bwabo bahabwa n’amategeko,ariko umenye neza ko aho witacaye nkumuvugizi wa sentele nkuru y’igihugu atariho uzokwama wicaye.
    Igifise intango kigira n’iherezo! Mweho muzohashugwa nyinshi kuruta!

  • Mushaka kwitwaza ko claude butoyi yagandaguye ababikira kubera yararwaye, aho mwihenze mukavuga ko yararwaye kuko muzoba mwarahawe ruswa/igirurire.

  • @ Mamy, mbega uraziko uwowise akokagore kwafise umugabowiwe? mbega uraziko ashobora kubafise amana? mbeguraziko ashobora kubafise abavukanyi biwe? mbeguraziko afise umuryango nababanyi nabandintadondaguyengaha think about nkukuntu baciye bakwiyumvamwo ubavugiye umuntuwabo ngo NAKAGORE!!! jewe jenyene ndamubona agenda mubikorwavyiwe vyamisiyose urabivuze nuvyandakwase birenze, ndabasaba muzemurakoresha gutanga ibitekerezo mukanegura icumuntacuze mugaheza mukamukosora ariko kuvuga imvugonkizo sivyiza. umvanamwe: NGWAKO KAGORE NUKUGAHOHOSHA, NGONAKAYAYA KA LETA YA CNDDFDD NGOMUGABO GAKORA UKOGASA NGONAGAHUTUCAZI!!!???. MBEGURAZIKO IYOMVUGO WAKORESHEJE KOYOTUMA NABOMUSANZWE MWITWAKO MUHUZA BOCABABONAKO BIHEZE BAKABONAKO URIMWO TUBIRI?.

  • ingendo nkizo bivugwa ko ari uburenganzira bahabwa nibwirizwa shingiro, none bihanwa namategeko gute? nawe Agnes Bangiricenge, sindamenya ubutungane bwanyu aho buhagaze. Ejo bundi imodoka yanyu irarenze imirambi, ivuye i Bujumbura igiye i Muramvya itwaye umuyobozi wa RPA itagira plaque, muzi yuko kwisi yose bibujijwe koimodoka ija mw’ibarabara itagira plaque, wewe nyene uc uvuga ko ata mategeko barenze. None ayo mategeko mugenderako ameze ate? Mwoca imanza neza gute kandi namwe muri abanyamafuti?

  • @ Muco, igikere ciganye.......inzovu.......

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.