IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Sentare yasomye urubanza rw’abagirizwa urupfu rwa Ernest Manirumva

Sentare yasomye urubanza rw’abagirizwa urupfu rwa Ernest Manirumva

mercredi 30 Nzero 2013

Abagirizwa muri urwo rubanza ni 13. Umwe yejejwe, batandatu bagabanirinzwa ivyaha, batatu bagumizwa ku bihano vya mbere abandi batatu bacirirwa igihano co gufungwa ubuzima bwabo bwose.

Uwejejwe ni Prosper Merime Bigirindavyi yahoze arongoye itonorero ry’ikawa SOGESTAL mu ntara ya Kirundo. Yari yafashwe italike 17 Munyonyo umwaka w’2009. Avuga ko anezerewe kandi ko yahora yizeye ko umunsi umwe azorekurwa kuko ngo ataco yiyagiriza. Yari yaciriwe gufungwa imyaka 20 na sentare ya mbere. Sentare isubiramwo imanza ivuga ko ata caha na kimwe kimwagira.

Muri urwo rubanza, Ndayizamba Hilaire, Obede Ndikuriyo na Ciza Jean Claude bakatiwe gufungwa ubuzima bwabo bwose. Aho ni mugihe sentare isubiramwo imanza y’i Bujumbura yakatiye uwitwa Gabriel Nduwayo batazira Sese, Sobomana Albert na Joseph Ntirampeba batazira Biraba gufungwa imyaka 20. Nayo Bigirimana Déo, Rugerinyange Helménégilde na Nkurunziza baciriwe gufungwa amezi atatu.

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu nka APRODH avuga ko urwo rubanza ruhengamye. Pierre Claver Mbonimpa arongoye APRODH amenyesha ko hariho abantu badomwe ko urutoke ariko ubutungane butahamagaye. Avuga cane cane ibihangange mu gipolisi n’iperereza bavuzwe mu vyegeranyo vyakozwe n’igipolisi karuhariwe FBI ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, abo baje gufasha gukora amatohoza. Mbonimpa amenyesha ko ayo mashirahamwe azokunguruza urubanza ngo kuko hahanywe abantu ata caha bakoze.

Abatari bake bagize ico bavuga kuri iyo dosiye ya Ernest Manirumva yahoze ari icegera c’uwurongoye ishirahamwe OLUCOME rigwanya ibiturire bavuga ko mu butungane bwo mu Burundi hakiri agahaze. Bavuga ko bibabaje ko umuntu amara imyaka n’imyaka hanyuma akavayo yejejwe. Bibaza igituma umuntu ataco yagirizwa ashobora kuvundira mu munyororo igihe nk’ico.

Ernest Manirumva yahoze ari icegera c’uwurongoye OLUCOME, ishirahamwe rirwanya ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya Reta. Yishwe mw’ijoro ry’italike 9 ukwezi kwa Ndamukizza umwaka w’2009. Bivugwako yariko arakurikirana idosiye y’ubunyonyezi bw’amafaranga menshi yari yanyurujwe mu gipolisi.

kw’ifoto: umuhisi Ernest Manirumva


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.