Accueil > Amakuru > u Burundi > Shombo : Indwara ziturutse ku suku rike zishobora gufata abanyagihugu
Shombo : Indwara ziturutse ku suku rike zishobora gufata abanyagihugu
lundi 25 Ntwarante 2013
Abanyagihugu bo mw’i Shombo , komine n’intara ya Muramvya bafise amakenga ko bashobora gufatwa n’indwara ziturutse ku suku rike, ivyo bikazova ku bukene bw’amazi meza bwibonekeza muri iyo komine, inyuma yaho imiringoti yahora ivana amazi muri remera yibiwe.
Musitanteri wa komine Muramvya yasavye abanyagihugu bo muri Shombo kuza barashikiriza inzego z’umutekano abasuma b’ibikoresho vya nkenerwa nk’ivyo, gutyo bahanwe hisunzwe amategeko
Egide Nduwimana