IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubuzima bwa Sipiriyano NTARYAMIRA akwije imyaka 24 yitavye Imana

Ubuzima bwa Sipiriyano NTARYAMIRA akwije imyaka 24 yitavye Imana

vendredi 6 Ndamukiza 2018, par egide

Umukuru w’igihugu Sipiriyano Ntaryamira yagandaguwe mu kiringo kitarenze amezi atanu gusa, inyuma y’urupfu rw’uwo yari ahejeje gusubirira Melchior Ndadaye, umukuru w’igihugu wa mbere yari yitorewe n’abanyagihugu biciye mu nzira y’intwaro rusangi, n’aho atagize amahirwe yo gutwara, kuko yaciye agandagurwa ubutarariye.

Ibirori vyo kwibuka uwo mukuru w’igihugu, Sipiriyano Ntaryamira yatwaye Uburundi amezi abiri gusa vyatangujwe kuri uwu wa gatanu n’inkuka y’imisa y’ukumwibuka n’ukumusabira, bikaba bica bibandaniriza ku ntatemwa yiwe, aho bitegekanijwe ko abategetsi b’igihugu bahava baja kumwunamira, bongere bashire ingori z’amashurwe ku mva yiwe.

Sipiriyano Ntaryamira ni nde ? Yaranzwe n’iki ?

Umukuru w’igihugu Sipiriyano Ntaryamira yari umuntu w’umwizigirwa, yakunda abantu, agakora cane, kandi yicisha bugufi. Yasize umutambukanyi n’abana batatu.
Ntaryamira Sipiriyano yavutse kuwa 6 Ntwarante 1955, ku musozi Gitwe, zone Mageyo, komine Mubimbi, mu ntara ya Bujumbura benshi bakunda kwita Bujumbura Rural. Yize amashure y’intango i Rushubi gushika mu mwaka w’1968, aca abandaniriza ayisumbuye mu gisagara ca Bujumbura kw’ishure ryitiriwe Mutima Mweranda (Collège du Saint-Esprit).

Mu mwaka w’1972 yaciye ahungira mu Rwanda kubera amagume yari ateye mu Burundi, akaba ari naho yabandanirije amashure mu gisata c’ubuhinga kw’ishure rya Rilima i Kigali. Inyuma y’aho, yabandanirije kuri kaminuza nkuru y’Urwanda, aho yakuye urupapuro rw’umutsindo mu gisata c’uburimyi mu mwaka w’1982.

Kumwe na bagenzi we b’abarundi bari kumwe mu mashure aho mu Rwanda, baciye bashinga umuhari BAMPERE, igisata ca MEPROBA yari ifise icicaro i Buruseri mu Buburigi, aho Ntaryamira akaba yari ashinzwe gutanga amakuru. Muri Kigarama 1979, yatanguje umugambwe w’abakozi (UBU), ari kumwe na Salvator Buyagu, Merikiyori Ndadaye, Jerome Ndiho, Festus Ntanyungu, Jean Ndikumana, Sylvestre Ntibantunganya hamwe n’abandi. Aho naho yari ajejwe kwigisha no gukundisha uwo mugambwe.

Muri Ntwarante 1983, niho yatahuka mu Burundi, aca agenwa kuba umuhanuzi mu buyobozi bukuru bushinzwe gutunganya ivy’uburimyi. Muri Nzero 1984 yaciye agenwa kurongora akarere karimwo ipampa mu buraruko, mw’ishirahamwe COGERCO.

Muri Rusama 1985, ibikorwa vyiwe vya poritike vyaraburabujwe, gushika aho yinjizwa ibohero rikuru rya Mpimba, amarayo umwaka wose, ku mvo za poritike, mukamenya ko muri uwo mwaka wose atigeze aburana na rimwe. Yatawe mu mvuto yagirizwa kuba arongoye urunani rw’abarwanya ubutegetsi mu buryo butemewe n’amategeko, ku ntwaro y’umukuru w’igihugu Bagaza Jean Baptiste itavyihanganira na gato. Mbere bavuga ko yoba yarekuwe bisabwe n’umupfasoni w’umukuru w’igihugu Bagaza, uwo nawe akaba yari umugenzi somambike wa Ntaryamira bakiri abana.

Agisohoka ibohero rikuru rya Mpimba, yaciye ashinga mu kinyegero umugambwe SAHWANYA-FRODEBU watangujwe na Sipiriyano Ntaryamira, Melchior Ndadaye hamwe na Léonard Nyangoma, muri Myandagaro mu mwaka w’1986 i Gitega.

Inyuma yo kuba umuyobozi mukuru w’uburimyi n’ubworozi kuva muri Kigarama 1987, Sipiriyano Ntaryamira yagizwe umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi muri Mukakaro 1993 ku ntwaro ya Melchior Ndadaye, umukuru w’igihugu wa mbere yitorewe n’abanyagihugu.

Inzego zimaze gusenyurwa, uwo mukuru w’igihugu Ndadaye akagandagurwa co kimwe n’umukuru w’Inama nshingamateka, hamwe n’icegera ciwe, Sipriyano Ntaryamira yahavuye aba umukuru w’igihugu kuva kuwa 5 Ruhuhuma 1994, inyuma y’ibiganiro vyamaze umwanya munini. Agishikira ubutegetsi, yaciye agena Anatole Kanyenkiko kugira amubere umushikiranganji wa mbere.

Mu bijanye n’imigenderanire, Ntaryamira yari ashigikiwe cane n’ibihugu bibanyi nka Tanzaniya na Zayire, aho yabonanye n’abakuru b’ivyo bihugu, aho twovuga nk’umukuru w’igihugu Mwinyi bahuriye i Kigoma, na Mobutu i Gbadolite, barabira hamwe ukuntu mu Burundi hogaruka amahoro n’umutekano.

Sipiriyano Ntaryamira yitavye Imana ahitanywe n’isanganya ry’indege kuwa 6 Ndamukiza 1994, i Kanombe mu gihugu c’Urwanda, akaba yari avuye kubonana na bagenziwe bo mu karere, ku kibazo c’amahoro n’umutekano mu Burundi.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Imana imwakire ikibabaje nuko yasize iragi ryiza akabura abarisigira naho kuvyo kumwibuka turaziko abategetsi bahari Atari ukumwibuka mugabo Ari ukwikurayo kuko iyoyaba kutari ukwikurayo bogendeye iragi ryiwe kuko ntaho yigeze yigisha ubwicanyi namacakubiri nkuko tubona abiyita abategetsi bigihugu bariko baravyifatamwot

  • abarundi turakeneye urwanda gusigura icamwishe nisanganya yindege?canke indege yarakorowe? ukuri kurakenewe.

  • abarundi turakeneye urwanda gusigura icamwishe nisanganya yindege?canke indege yarakorowe? ukuri kurakenewe.

  • ayamungane azozera iyinkuru yupfu rwanyicubahiro NTARYAMIRA ntatomoye ngo yagizisanganya, gute? indege yarimwo yaragonze umusozi? umviriza nimureke guhisha ibintu vuguti NTARYAMIRA yagandaguriwe murwanda agandaguwe na KAGAME kuko niwe yarashe iryandege birazwi. e nukugirango ukuri kujahabona nabaribwavuke kiriyagihe bamenye ukuntu vyagenze. rero rirya sisanganya nibintu vyari vyateguwe neza......

  • ICC twumva iraca imanza ariko niryari tuzomenya ukuri kurupfu rwa cyprien? Mbe ko twumva ngo boite noir ONU niyo yagatway gyshikubu ntibaramenya uwarashe irya ndege? Burya amadocuma confidentiel biragoye ko amenyekana ariko turashak ukuri

  • Rwasa eric, Niba ushaka kubimenya, shaka umugabo witwa col, theoneste bagosora na madamu Habyarimana bazagusobanurira neza uko bari babipanze

  • it will be very difficult for hutu to be president in great region where they are 80% .Why ?because of rwandese tutsi mentality is very extremist,imperialist.
    tutsi or hutu from burundi are far less extremist than those of rwanda.
    If we want peace ARUSHA ACCORD SHOULD BE BOTH RWANDA AND BURUNDI.
    Because of bad heart of extremist rwandese tutsi they keep looking whre nkurunziza leaves to kill him like since 1994 of ntaryamira .
    Did you see where a country president is not free to stay in one town? or to fly?
    but look how burundi never make in danger kagame who fly every day every way.
    I think is about heart and bad mind not political problem.
    In great lac we are just dealing with imperialist -aparteid regional power of kagame which must be distroyed but without genocide act because tutsi are our brotheirs but we must distroy the system

  • IBIJUJU BYABARUNDI NABARUNDIKAZI, UBWOSE MUBONA NTARYAMIRA ARUTA HABYARIMANA. IKINANI CYANANIYE ABAGOME NABAGAMBANYI, ABATUTSI BIVUGANYE,AMARASOYABAHUTU BAGUYE MUCYAHOZE ZÄIRE, UBUNDI YAJYAGA MUNDEGE YA HABYARIMANA KUKO IBURUNDI NTANDEGE MUGIRA. MUGAMYE MUMAKUNGU MUMIDUGA NONE MURATUKA URWANDA, IZOMPWEPWE ZABARUNDI BABAHUTU, MUHAZE, MUFATA IKARAMU MWANDIKA, SURWANDA, IBUNDI UMUHUTU YAJYAGA MWISHULI RYISUMBUYE.ABANYARWANDABANGAHE,BIGA IBURUNDI MUMASHULEYANYU

  • LETAYURWANDA IGOMBAKUREBAKURE, KUKI ABARUNDI BIGAMUMASHULI MAKURU MURWANDA, ABANYARWANDA BANGAHE BIZE IBURUNDI, BAKIGA KAMINUZA, IBYICANYI GUSA, IBINYWAMARASO

  • murakoze kuduha amateka yumuhisi Ntaryamira ariko mukosoreho gato Rilima ntago arimuri Kigali ahubwo nimu Ntara yuburasirazuba mukarere ka Bugesera. murakoze cyane

  • kagabo jewe wompa ama contact zabobantu woba ukoze

  • Ingorane Ziri Muburundi Sizubu Ahubwo Zatanguy Kera Kand Aba Provoka Izo Ngorane Barakwiy Kugira Ikigongwe Ku Burundi N Abarundi . Mbe Wosigura Gut Kuntwaro Ya Cami Aho Ata Arusha Ya Icitwa Inteko Mvamakungu Vyavugwa Non Ubu Vyabay Ndas Ku Gihugu

  • sipiriyano ntaryamira nanubu imana imuhezagire yari umugabo wijunja nijambo

  • Uwoniweyarabereyegutwara Apana Abomushirakurubuga Bakabonekako Amaraso Umubiriwose !

  • NAGENDE YARI UMUGABO YARI YOROKOYE VYISHI!

  • NAGENDE YARI UMUGABO YARI YOROKOYE VYISHI!

  • Ntaryamira Yari Umugabo,kiretse Yaho Abansi Ba Demokrasi Batamukundiye Gushira Mungiro Ivyo Yari Yiyemeje Nacanecane Ibijanye N’ukugarukana Discipline Mu Burundi

  • Sipiriyano Ntaryamira Yarumugabo Wijunja Nijanbo None Ubu Nikuki Mudakurikiza Iragi Ryiwe Yarapfuye Turababara None Twarahoze Imana Nimwakire Mubwami Bwayo

  • Imana nimwakire imuhe iruhuko ritashira, hagowe abarashe irya ndege kuko bizohera nka Gahini ababo bapfa bangara. Mbega ko atanumwe azorusimba, amahezo namwe.

  • Correction: Cyprien ntaryamira yitavye Imana ahitamywe n’intagondwa z’aba Hutu.ntiyahitanywe n’isanganya

  • Yari umugabo,kandi yabaye itwari muzindi tutazibagira.

  • YAZIZE LIFT Il faut etre clair

  • kuberiki ibijanye nurupfu rwiwe kabaye akamizwe ningoma?kuberiki abari kukibuga cindege batasengejwe?

  • Imana imwakire mubwami bwayo yari intwari vyukuri

  • SIBOMANA. ABAJIJE IBYO NIBAZA MBERE YO KUVUGA NGO TUZI A BAMWISHE NIKO CNDD FDD YABIVUZE *IKIBAZO NSANGIYE NUMUVANDIMWE ABARI KUKIBUGA NI BANDE! !ABARI KANOMBE MUKIGO, NIBANDE! ! A BATWAYE BOITE NOIR YAMAKURU YINDEGE NI BANDE! !! ABAZI KUVUGA CNDD FDD NABA BANDI KIMWE NABO BAVUGA KO ALI FPR YAYIRASHE, FPR YALI HE! !YALI KUKIBUGA YALI MU KIGO KANOMBE CYANGWA YALI MURUGO KWA HABYARIMANA AHO INDEGE YAGUYE! !!!IPEREREZA RYAKOZWE, SI LETA YA ROKOZE AHUBWO NABATWAYE. IYO BOITE NO IR INDEGE I KIGWA BARACECETSE KUKO NTIBAVUGA EX FAR KANDI YARAGENDERAGA KUMATEGEKO YABO * CNDD FDD IFITE ABAHANGA BAKORA ITOHOZA BATAVUYE AHO BALI SIBOMANA RWOSE IGISUBIZO BAZAKIDUHE URAKOZE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.