IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > SOJPAE : Abana barakwiye kugira uruhara mu gufata ingingo zibagenga

SOJPAE : Abana barakwiye kugira uruhara mu gufata ingingo zibagenga

lundi 29 Kigarama 2014

Uburundi buri mu bihugu vyo kw’isi vyashizeko umukono ku masezerano yo gukingira agateka k’abana n’akazinamuntu wese. Ariko naho biri uko, agateka k’abana ntikubahirijwe.

Naho abana mu Burundi barenga ica kabiri c’abantu baba mu gihugu, uruhara mu gufata ingingo zibagenga, ruracari kure nk’ukwezi. Ishirahamwe SOJPAE risanzwe rishigikira mu gukingira agateka k’abana mu Burundi rigasaba ko agateka kabo kogarukirwa.

Mu mico y’abarundi, umwana yamye afatwa nk’ubutunzi, umuntu w’agaciro, inguvu zo gukora, canke agafatwa nk’umutwaro. Ntiyigeze afatwa nk’umuntu yoba afise ijambo, ashobora kugira ico ashikirije mu gutanga iciyumviro canke ashobora mu gufata ingingo haba n’izimugenga.

Kubwa Jacques NSHIMIRIMANA arongoye ishirahamwe SOJPAE, kumenya ko abana bafise agateka ntibisigura ko abakuze bataba bagifise uruhara rwo kubarera, ahubwo barakwiye no gukingigwa bikomeye mu kuronswe agateka kabo. Abakuze bakaba basabwe kwiga gukorana biboneka n’abana kugira babafashe kwubaka kazoza kabo, kubafasha gutora uburyo bwo guhinduka hamwe no kugendera agateka kabo.

Urwo ruhara rukaba ruvana n’ubushobozi abana baba bafise, ukwiyugurura kw’abavyeyi n’abandi bamaze kwisumbura mu biyago bibera mu muryango hamwe no mu kibano muri rusangi.

Umwana ategerezwa kandi kwibutswa ko abise ubushobozi bwo gusohora iciyumviro ciwe canke akagisohora biciye mu muntu aba yitoreye ngo amuserukira.
Ishirahamwe SOJPAE rikabona ko uruhara rw’abana mu gufata ingingo zibagenga coba ari kimwe mu vyotuma ihohotorwa bivanye n’imvo za poritike bigabanuke canke uburongozi bubi bigabanuka mu Burundi.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.