IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somalie: Al-Shabab yishe abasirikare 60 bo muri AMISOM

Somalie: Al-Shabab yishe abasirikare 60 bo muri AMISOM

vendredi 15 Nzero 2016

Abarwanyi b’umurwi al-Shabab, bateye ikambi imwe y’abasirikare b’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, iri mu bumanuko bushira uburengero bwa Somalia.

Iyo kambi ya Eel-Ade, iri ku birometero 60 uvuye mu gisagara ca Garbaharey, mu ntara ya Gedo, ikaba irimwo abasirikare bava mu gihugu ca Kenya,bagiye kugarukana amahoro mu rwego rwa AMISOM.

Ababa i Eel-Ade babwiye umumenyeshamakuru wa BBC mu gisagara ca Mogadiscio, ko bumvise urwamo rw’amasase, n’inkoho zikomakomeye mu gitondo ca kare kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 15 Nzero 2016.

Abo barwanyi bateye iyo kambi babanje kumena umuryango bakoresheje imodoka yari itezwemwo igisase, imbere y’uko abo barwanyi bayinjiramwo.Muri Al-Shabab bavuga ko bashoboye kwigarurira iyo kambi.

Abarwanyi b’umurwi Al-Shabab bemeza kandi ko bishe abasirikare 60 bava mu gihugu ca Kenya.

Ku ruhande rw’igisirikare ca Kenya,umuvugizi waco Col David Obonyo, yamenyesheje ko bahanganye na bo kandi ko abaguye muri ico gitero ku mpande zose bataramenyekana.


IGIHE

Messages

  • BARUNGIKEYO MOPROMAB IGENDE KURYA AMAHERA BAKOREYE APANA KUZA NGAHA I BURUNDI KWICARA BARYOHERWA BABAHEMBA AMAHERA GUSA MUGIHUGU
    C AMAHORO

  • Yaaayaaa Ko Batumaze!! Ebana Crg Bana. Urugamba Rurabanda Ntimucyike Intege Komeza Turinyuma Yanyu. Ngahorer Bimwe Mpora Mbwira Abanyagihugu Bariko Baraturaba Mukanwa Turiko Turinwera Agacyupa!! Ebana Nibatureke Twinwere Sayo Dutora! Jewe Ndahazi Ahobateye Ndahazi Siheza. Ebana Ndabipfurije Ukwihangana Kuko Imana MushoboraVyose Irikumwe Nabo Ndanabasaba Kwama Barikanuye Kuko Umwanzi Arikumuryango Mbegabashya Muburundi Ntabarimwo? Nkarya.

  • Turasavye twivuye inyuma AU inyarutse irungike muri Somalia babasirikare 5000 yagombakurungika Burundi bajekwunganira abasirikare ba AMISSOM bari Somalia.

  • NIBARUNGIKEYO ZANTEKE MVAMAKUNGU BAREKE KUBAHATIRA IWACU KUNGUVU

  • NAGASAMA NTIKARI GAKE KAMASHIRAHAMWE AMWAMWE YOMURI AFRICA KUKO NTAKUNTU BOVEZE KO BARUNGUKIKA ABASODA 5000 MUGIHUGU KITABASAVYE RERO KOBAKUNDA KUGWANIRA UMUTEKANO WABENE GIHUGE NIBABARUNGI MURI SOMARIA. NTAKUNDI ABAPFUYE BAPFUYE NKABAGABO KUKO BAGUYE KURI TERE.

  • As soon as they wanna to send soldiers in bdi,now they can help amisom in somalia us in bdi we’re strong alike stones.

  • EMWE.IMANANIGARUKIREICO.GIHUGU.AMAHORO.ABONEKE.NAYAHANDIHO.IZONTAGONDWA.ZIZOBAMARA.

  • Onu nayo umengo ntinakomeye mumitwe aho abasirikare bakenewe ntibabarungikayo
    About bapfuye bo s,abantu?kuki batofata ivyo bihumbi5000 bongeereze somalia?
    Kuvaho barungikiye aba soda Somalia ko batarakingira abanyagihugu,muburundi n,amahoro ahubwo iyo shetani yagashe abatutsi bamwebamwe sinzi iyariyo
    Kuba mubuhungiro birababaza nibumve aho abahutu bumva imyaka hose bababwira bavange igisoda bankabitoza utunyoni ako ni gato gusa kuko abahutu n,abatutsi bari muburundi

  • KUBERAKOMUI AFRIKA ARIBIHUGUBIKENYE ABAZUNGUBARATUGAYACANE BAGOMBAKUTUGIRIBIKORESHOVYABO TURAHOJEJIMIRYANGOYABUZE. IMANANIYAKIRE IZONTWARI Z’AFRIKA.

  • ZANTEKOMVAMAKUNGUBASHAKAKUZANAMUBURUNDI NIBAZIJANEMURISOMARIA BAREKEKUZIHATIRAMUBURUNDI KANDITUTABAKENEYE

  • NONE BOBA BASUBIJWE MU BURUNDI KUBERIKI ?MBE NUBU ICUKA KIBI CA KAGAME NTIKIRAHERA ?UBWO ABO BASILIKARE NTIBA BAJE GUFASHA NKURUNZA KURWANA?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.