Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somaliya:Abategetsi babiri ba Al Shabaab bahitanywe n’ibitero (...)
 Somaliya:Abategetsi babiri ba Al Shabaab bahitanywe n’ibitero vy’indege
 Somaliya:Abategetsi babiri ba Al Shabaab bahitanywe n’ibitero vy’indege
				
				jeudi 16 Mukakaro 2015
Abategetsi babiri b’umurwi urwanya Reta ya Somaliya Al Shabaab,bapfuye bahitanywe n’ibitero vy’indege zitagira umudereva,mu bumanuko bwa Somaliya.
Abanyagihugu bo hafi ya Baardeheere mu gace ka Gedo, bavuga ko bumvise ikintu giturika cane mu mutwenzi wo kuri uno wa kane igenekerezo rya 16 Mukakaro 2015.
Muri uwo mwanya,abarwanyi bo mu murwi Al Shabaab baciye bihutira kuja ahiciwe abo bategetsi babo.Baardheere ni kimwe mu bisagara bigisigaye bigenzurwa na Al shabaab.
Naho biri ukwo abasirikare b’Ubumwe bwa Afrika bakorera mu rwego AMISOM bari kumwe n’abasirikare ba Reta ya Somaliya,batera begereza ico gisagara kugira bagifate.
Abategetsi benshi muri Al Shabaab barishwe mu bitero vy’indege nk’izo za Reta zunze Ubumwe za Amerika muri iyi myaka iheze.
Van Naris Mugisha

Messages
16 Mukakaro 2015, 18:58, par Dusabamahoro Isai
Muraryohewe Mwishe Ikiremwa Muntu
16 Mukakaro 2015, 19:01, par GERARD
Imana nibakire!kandintibashavurnibihangankukonabasodabuburundi barapfuye
16 Mukakaro 2015, 21:29, par philippe
ico mbona abasoda buburundi nibaze tubanze tugarukane amahoro ahiwacu.amahoro abonetse ntakindi twipfuza bogomba bagasubirayo.
16 Mukakaro 2015, 21:54, par MATHOS
NTAGITANGAJE NIBWOBUZIMA BAHISEMWO.BAREKE BAPFE
17 Mukakaro 2015, 06:08, par Nibizi Aline
Nibageragez Batuz Uwomurwi Atazi Agaciro Kikiremwa Muntu.
17 Mukakaro 2015, 07:41, par Jacque
Mana Garukira Isi Udukize Intambara Za Misi Yose Kuk Abo Bose Bapfa Nabo Waremye Nibiganza Vyawe
23 Mukakaro 2015, 09:55, par Benoit
Twese Twararemwe Nabapfuye Nibiremwa Ntibihutire Kubica Ahubwo Amerika Nirabe Ico Barimwo Barapfa Hanyuma Igitorere Umuti.Inguvu Imaz Gukoresha Yica Ibiremwa Vy Imana Zari Gutora Inyishu Zikibazo Bafitaniye Nareta Ya Somalia.
23 Mukakaro 2015, 16:35, par Felouz
Al Chabab Ikwiye Gufutwa Mugihugu Ca Somaliya Kuko Gifisimigenzo Mibi Cane!