Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Somaliya : Uwahoze atwara intara ya Baidoa yahaswe kurwa mu (...)
 Somaliya : Uwahoze atwara intara ya Baidoa yahaswe kurwa mu mutego
 Somaliya : Uwahoze atwara intara ya Baidoa yahaswe kurwa mu mutego
				
				mardi 13 Rusama 2014
Uwahoze ari umukuru w’intara ya Baidoa yo mu gihugu ca Somaliya yarahatswe guhitanwa n’umutego w’abihevyi nari bashize mu muduga. Abacungera ubuzima bwiwe, n’abandi banyagihugu nibo bahasize ubuzima.
Igisasu cari giteze mu modoka caraturitse iruhande y’uwahoze ari umukuru w’Intara ya Baidoa muri Somaliya. Abamucungerera ubuzima, hamwe n’abanyagihugu bari begereye ico kibanza barahasize ubuzima, muri uwo mutego wari ugamije guhitana uwahoze ari umukuru w’intara ya Baidoa muri Somaliya.
Mohamed Salad, umuvugizi w’igiporisi mu ntara ya Baidoa amenyesha ko abantu baharurwa muri 20 aribo bakomeretse, abashika 11 bahasiga ubuzima, harimwo n’abasirikare batatu ba Reta ya Somaliya.
N’aho abatari bake bashaka kwegeka uwo mutego ku barwanyi ba AL Shabab barwanya Reta ya Somaliya, nta murwi n’umwe w’abarwanyi uremanga ku mugaragaro ko ariwo wateze muri uwo muduga ico gisasu cagira uwahoze ari umukuru w’intara ya Baidoa mu gihugu ca Somaliya.
Egide Nduwimana
