IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Sosumo ku rutonde rw’amashirahamwe azoshirwa mu minwe y’abigenga

Sosumo ku rutonde rw’amashirahamwe azoshirwa mu minwe y’abigenga

samedi 15 Ruheshi 2013

Mu nama yabakoranije kw’igenekerezo rya 13 Ruheshi 2013, inama nkenguzamateka yari yatumiye umushikiranganji w’ubudandaji, amahinguriro n’ubuhinga Victoire Ndikumana kugira yishure ku bibazo vy’abakenguzamateka. Ikibazo c’ibura ry’isukari cari kimwe mu vyatumye bakorana.

Umurwi w’abakenguzamateka ujejwe ibibazo vy’ubutunzi, ibidukikije hamwe n’uburyo Leta ikoresha werekanye ko ku bijanye n’isanurwa ry’amahinguriro asanzwe ari mu gihugu, Uburundi bufise umugambi wo kwagura uburimyi bw’ibikaju ku butaka bwa Tanzaniya buzoba buje kwiyongera kuya Sosumo.

Abakenguzamateka basanze igikorwa c’uwo mugambi gisaba integuro ikwiye, na cane cane kumenya neza igiciro c’ukwiyunguruza ufatiye ku rugendo ruhari uva muri Sosumo naho hazorimwa hamwe kandi n’ukwubaka ikiraro ku ruzi Malagarazi.
Kubw’ivyo rero, uwo murwi wibaza ko kwagura Sosumo bizovana na Politike ya Leta yo gushira mu ntoke y’abikorera utwabo iryo hinguriro.

Sosumo iri ku rutonde rw’amahinguriro azoshirwa mu ntoke y’abikorera utwabo ni ihinguriro ryashoboye kwimbura mu mwaka w’2012 umwimbu urenga amatoni ibihumbi 23.149, umwimbu itari bwashikeko kuva ishinzwe mu mwaka w’1988.

Kuri ico kibazo, umushiranganji Ndikumana yarerekanye ko iryo hinguriro rikoresha ibice 60 vy’uburinganire bwaryo.

Ikiraje ishinga Leta ni ukwongereza umwimbu hamwe n’uburinganire bw’indimo. Ivyo navyo vyavuye mu mwumvikano hagati y’abategetsi ba Tanzaniya n’abo mu burundi. Ku bijanye n’ibura ry’isukari, abona ko ahanini biva ku kugene ibihugu vy’akarere turimwo vy’imbura isukari nke kandi abayikoresha ari benshi.

Nico gituma isukari y’Uburundi ijabuka imbibe ikaja nko mu Rwanda, Congo na Tanzaniya. Harahamagawe rero haba ubutegetsi, igiporisi, abanyagihugu kurushiriza gucungera kugira isukari narirya ikenerwa n’abarundi benshi ntishobore kurenga imbibe.

Mu gisata c’ingenzi, umushikiranganji mu ntererano ziwe, Victoire Ndikumana yibukije abakenguzamateka ko Uburundi buherutse kuronka ikibanza ca mbere mu gisata c’ingenzi ku rwego rw’isi yose mu mwaka w’2013.

Iyo igize intsinzi igira gatatu i Berlin, hamwe na Kenya yarabaye igihugu cakira ingenzi nyinshi iza mu kibanza ca kane inyuma y’uburundi n’Urwanda rwaje ubugira gatandatu.

Umukuru w’inama nkenguzamateka, Gabriel Ntisezerana yarangije ikoraniro asaba Leta gukora igikorwa co kwigisha abanyagihugu kugira bashobore kumenya uburyo bwo kwakira ingenzi hamwe no kwongereza ibigo vy’ingenzi kugira babandanye kugendera igihugu.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.