Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sudani: Hagenywe ivyegera bibiri vy’umukuru w’igihugu
 Sudani: Hagenywe ivyegera bibiri vy’umukuru w’igihugu
 Sudani: Hagenywe ivyegera bibiri vy’umukuru w’igihugu
				
				dimanche 8 Kigarama 2013
Umukuru w’igihugu ca Sudani ya Ruguru, yatangaje igenwa ry’ivyegera bibiri vy’umukuru w’igihugu. Omar el Bechir akaba amenyesha ko,yahinduye Reta mu ntumbero yo kugira Reta nshasha.
Bakri Hassan Saleh yari umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’ukwivuna abansi, akaba ariwe yagenywe kuba icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, mu gihe 
Hassabo Mohammed Abdel Rahmane nawe yagenywe kuba icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu.
Ivyo rero bikaba binemezwa n’umugambwe uvamwo umukuru w’igihugu Bechir. Ivy’iryo hinduka rya Reta, bikaba vyari vyitezwe kuko vyari bimaze iminsi arirwo rukurukuru ruvurwa aha na hariya, mu gihugu ca Sudani ya Ruguru. Abdel Rahmane rero akaba yarigeze kuba umunyamabanga mukuru w’umugambwe uvamwo umukuru w’igihugu, eka ndetse akaba ari no mubafashije Bechir gushika ku butegetsi, abanje gutembagaza ubutegetsi.
Aristide Nizigire
