Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sudani : Meriam Ibrahim ntacishwe
 Sudani : Meriam Ibrahim ntacishwe
 Sudani : Meriam Ibrahim ntacishwe
				
				mardi 24 Ruheshi 2014
Sentare yo mugihugu ca Sudani yasavye ko Meriam Ibrahim arekurwa, inyuma yaho afatiwe agapfungwa yagirizwa ko yubakanye n’umugabo ari mw’idini ry’abakirisu kandi nawe yavyawe n’umusiramu.
Uwo mukenyezi wo mu gihugu ca Sudani akaba yaratawe mu mvuto, ndetse asabirwa igihano c’ukwicwa kuko yari yubakanye n’uwo badasangiye idini. Mu nyuma ibigu bitandukanye bikaba vyariyamirije iryo pfungwa hamwe n’ico gihano yari yasabiwe. Igihugu c’Ubwongereza co, kikaba mu kwezi kwa Rusama guheze, carahamagaye uwusanzwe aserukira Sudani muri ico gihugu, mu ntumbero yo kwiyamiriza ivyariko birakorwa n’ubutungane bwa Sudani, mu gupfunga umuntu bamuhora kwubakana n’uwo badasangiye idini.
Twobibutsako Meriam Ibrahim yibarukiye mw’ibohero umwana w’umuhungu, igihe yari arindiriye ko ajanwa kwicwa nk’uko sentare yari yamusabiye ico gihano, ariko ivyo bikaba vyategerezwa kuba abanje gukubitwa inkoni ijana, kuko mu vyo yagirizwa harimwo n’icaha c’ubushurashuzi.
Aristide Nizigire

Messages
24 Ruheshi 2014, 13:30, par nuko
yamaze kugera hano USA arikumwe numugabo wiwe Imana ishimwe cane
24 Ruheshi 2014, 14:21, par ntiwihebure
Imana ishimwe caaaaaaane, yemwe!!!!!!!!!!!
kubemera, umuntu yokwibuka. Mbega uwo mwana yitwa gute? Nguwo uwugiye kuzohindura sudani.