Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sudani y’epfo : Intureka zirabandanya
 Sudani y’epfo : Intureka zirabandanya
 Sudani y’epfo : Intureka zirabandanya
				
				jeudi 19 Kigarama 2013
Uwahoze ari icegera c’umukuru wa Sudani y’epfo, Riek Machar, yahakanye ivyo yagirizwa ko yoba yaragerageje gukora ibikorwa vyo guhirika ubutegetsi.
Riek Machar amenyesha ko intureka zatangiriye mu murwa mukura wa Juba zitegerezwa kubazwa umukuru w’igihugu Salva Kiir. Ku bwiwe, ivyo ariko aragirizwa bigamije guhishira ibikorwa bitari vyiza bikorwa na Reta ya Sudani n’epfo.
 
- Riek Machar
Ku ruhande rw’ubutegetsi, umukuru w’igihugu Salva Kiir yagiriza Riek Machar kuba ariwe yakoze ivyo bikorwa vya gisirikare vyo gushaka guhirika ubutegetsi.
Twobamenyesha ko Riek Machar akomoka mu bwoko butavuga rumwe n’ubw’umukuru w’igihugu Salva Kiir.
Intureka muri ico gihugu zirabandanya. Havugwa ko izo ntureka zageze no mu bindi bisagara, harimwo n’igisagara ca Bor. Amasasu menshi aheruka kwumvikana hafi y’ibirindiro bibiri vya gisirikare.
Egide Nduwimana

Messages
20 Kigarama 2013, 06:29, par steven
turabashimira kumakuru atngwa nico konyamakuru ariko twobasabako mwo kongera ubuhinga amakuru mukayatana akiba je ndi ijuba ayamakuru muyatanze haciye iminsi ibiri yose sivyiza gerageza gutanga amakuru kugihe mudacerewe