Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sudani y’Epfo : Reta nshasha y’imfatakibanza
 Sudani y’Epfo : Reta nshasha y’imfatakibanza
 Sudani y’Epfo : Reta nshasha y’imfatakibanza
				
				mercredi 11 Ruheshi 2014
Umukuru w’igihugu ca Sudani y’Epfo n’uwusanzwe amurwanya, biyemeje gushiraho Reta ihurikiyemwo bose kandi y’imfatakibanza, mu minsi itarenze 60 kugira intambara zimaze iminsi zigabanuke.
Iyo reta igiye gushingwa ikaba izofasha mu gushira ibintu mu buryo, hagati y’umukuru w’ico gihugu Salva Kiir na Riek Machar bamaze igihe bashamiranye, ndetse indwano ikaba yaranadutse muri ico gihugu, aho abantu bataye izabo, abandi bakahasiga ubuzima, tutibagiye ikigoyi caciye gifata imiryango itari mike, haraheze amezi atandatu.
Tukaba twobamenyesha ko Hailemariam Desalegn umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Ethiopia akaba ariwe yari ajejwe ivyo guhuza impande zose zari zishamiranye muri ico gihugu ca Sudani y’Epfo.
Aristide Nizigire
