Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Sudani : Meriam Ibrahim yamaranye n’umuryango wiwe akanya urume (...)
 Sudani  : Meriam Ibrahim yamaranye n’umuryango wiwe akanya urume rumara
 Sudani  : Meriam Ibrahim yamaranye n’umuryango wiwe akanya urume rumara
				
				mercredi 25 Ruheshi 2014
Inyuma y’umunsi umwe gusa Meriam Ibrahim arekuwe, yaciye asubira gutabwa mu mvuto, afatiwe ku kibuga c‘indege c’i Khartoum mu gihugu ca Sudani.
Bivugwa ko Meriam Ibrahim n’umugabo wiwe bagira baje mu gihugu ca Reta zunzubumwe z’Amerika, ariko abantu bambaye impuzu zisanzwe bivugwa ko bakorera igendereza rya Sudani bagera kuri 40, bakaba aribo baciye babafata, bose n’umugabo wiwe bajanwa gupfungwa.
Gushika ubu nta n’umwe azi imvo yatumye uwo mukenyezi asubira gutabwa muri yompi, kandi yari yarekuwe n’ubutungane bw’ico gihugu, inyuma yaho yagirijwe ko ashurashura kuko afiswe n’umugabo atari mw’idini rya islam. Abari mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu bakaba bariko barakurikiranira hagufi, basaba ko uwo mukenyezi yorekurwa co kimwe n’umugabo wiwe.
Aristide Nizigire

Messages
25 Ruheshi 2014, 16:23, par avite
Iyamukuye. Kugihano curupfu,irabakura nahandi.ntahoyigeze iheba uwayo.twizeye ko akanya nakanya Imana yongera kwiyerekana.ntaca aba!
25 Ruheshi 2014, 20:08, par florida
Uwiteka Imana Ishobora byose azakora ibikomeye dukomeze tumusabe twizeye!