IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > SYGECO iranegura inyifato ya komiseri ajejwe amatohoza mu kigo (...)

SYGECO iranegura inyifato ya komiseri ajejwe amatohoza mu kigo OBR

vendredi 15 Munyonyo 2013

Sendika y’abadandaza yasohoye itangazo aho imenyesha ko yatangajwe cane n’inyifato y’umukomiseri ajejwe amatohoza mu kigo OBR (Office Burundais des Recettes ), Gaudence Ndayizeye, kubona yaranse gushira mu ngiro ingingo ya komiseri mukuru arongoye ikigo OBR, bikaboneka rero ko ari ukutubaha abamukurira.

Mu gihe sendika y’abadandaza SYGECO Syndicat General des Commercants) yari yemeranije na komiseri mukuru w’ikigo OBR ku genekerezo rya 5 Munyonyo 2013 ko abadandaza b’ibitenge bo kw’isoko bita "Kwa Siyoni" boriha igice c’amatagisi, ni ukuvuga ibice 35 kw’ijana, ibindi bice 25 bikazorihwa mu mezi abiri (ibice 12,5 kw’ijana muri Kigarama, ibindi 12,5 mu kwezi kwa Nzero). Sendika Sygeco imenyesha ko itumva na gato ukungene umukomiseri ajejwe amatohoza mu kigo OBR, Gaudence Ndayizeye yanka kwumvira uwumukurira, aho mbere we asaba abo badandaza kurihira rimwe amatagisi y’ibice 60 kw’ijana, hama bagasubizwa ibidandazwa vyabo.

Audace Bizabishaka amenyesha ko mu ngingo ya 96 y’ingene amatagisi arihishwa, umukomiseri mukuru afise ububasha bwose bwo gutanga uruhusha rwo kuriha amatagisi mu bice ikiringo kitarenze umwaka mu gihe yabisabwe. Iyo sendika SYGECO ikaba yagiriza Gaudence Ndayizeye ko afasha mbere abadandaza bamwe gukora urudandazwa rwa magendu, nk’abadandaza b’ibitenge b’abacongomani 5, hamwe n’abandi bavuga ibitigiri bitarivyo muvyo binjije, igihugu kigaca kihahombera amafaranga yokwinjiye mu kigega ca Reta.

Sendika SEGECO isaba umukomiseri mukuru w’ikigo gitororokanya amatagisi OBR kwubahiriza amasezerano bagiranye kandi afatire ku bubasha ahabwa n’amategeko, baheze basubize ibidandazwa guhera ku musi wa mbere igenekerezo rya 18 Munyonyo 2013. Sendika SYGECO isaba kandi umushikiranganji w’ikigega ca Reta gufasha kwubahiriza abategetsi b’ikigo OBR, hamwe no kwubahiriza amategeko aba yafashwe kugira icuka gisubire kuba ciza hagati ya OBR n’abatanga amatagisi.


Floxella Karire

Messages

  • Ibiganiro vyari vyiza. Ariko kuca waduka ukagiriza umutegetsi nkuriya ukamushira mu binyamakuru umwagiriza ibintu nkivyo nikimwe cotuma ibintu bitagenda neza. None Uwo Guadence niwe yatumye ba bagore batangaje ku maradiyo ko ibitenge vyinjira muri magendo!? Erega ikosa rimaze kwemerwa n’uwarikoze aca arihanirwa canke akagirirwa ikigongwe. Nibaza ko ingendo nkiyo y’uwo mukuru wa SYGEKO itabereye. Naho Gaudence yoba yarabikoze ntiyoca amutangaza ukwo. Ahubwo nanyaragase abisabire imbabazi. Nayo Guadence ntawutomushigikira kweli. N’umuntu yihagararako mubihe nkibi abantu benshi babaye intagondwa ntibakunde gukurikiza amategeko. Nayo ivya Comiseri muku we bazobiganira bavyumve kumwe kuko base ni abayobozi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.