IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > SYGECO yerekanye icokorwa mu gukingira amasoko atarasha

SYGECO yerekanye icokorwa mu gukingira amasoko atarasha

mercredi 18 Ruheshi 2014

Harakwiye gufatwa ingingo zikomeye zo gukingira amasoko yo mu Burundi atarasha. Izo ngingo nazo akaba ari nk’ugushiraho imirwi irimwo abantu batandukanye bashobora kugira ico bafashije mu kuzimya mu gihe inzego zibijejwe zoba zitarashika, gushiraho ibigega vy’amazi menshi kuri ayo masoko, imipira ikorana n’amamoteri yaza kizimyamoto, kwubahiriza ahaca inzira y’ivyo biduga bizimya.

Muri kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 18 Ruheshi, Sindaruhuka Martin, icegera c’uwurongoye sendika y’abadandaza SYGECO amenyesha ko barajwe ishinga n’ukuntu amasoko aguma asha, aho kuva mu mwaka w’2001 hamaze gusha amasoko agera kuri 13, ariko gushika kuri ino saha akaba ata matohoza n’amwe yoba yarashitse ku kintu kiboneka, kugira abarundi n’amakungu bamenye icatumye amasoko asha, ndetse n’ayavuzwe ko yaturiwe, ababikoze ntibamenyekane.

Nk’uko Martin Sindaruhuka, icegera c’umukuru wa SYGECO abandanya abishikiriza, basaba Reta y’Uburundi gufata mu minwe ico kibazo c’amasoko aguma asha giteye imitima ihagaze abenshi kugira ikingire umutekano. Martin Sindaruhuka abandanya asaba ko hobaho ku masoko yose umurwi ugizwe n’abadandaza, abanyezamu, abajejwe umutekano hamwe n’abaserukira intwaro kugira bakinge impanuka. Abajejwe gutunganya amasoko nabo bakwiye kwubahiriza inzira ziba zaraciwe ahashobora guca vya bimodoka bizimya umuriro, abubaka amasoko nabo bokwibuka kuza barashiraho ibigega vy’amazi binini binini kugira ivyo biduga bije kuzimya ntibibure amazi. Ikindi kandi n’uko ibidandazwa bimwe bimwe bikarigwa n’umuriro vyoshirwa mu bibanza vyavyo.

Sendika SYGECO irangiza isaba ko Reta yofasha kwigisha abadandaza kuja mu mashirahamwe yo gushumbusha abahuye n’impanuka, kuko vyagaragaye ko mu Burundi abadandaza batijukiye ico gikorwa.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.