Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tanzania: Abasiramu bahanganye n’igipolisi
 Tanzania: Abasiramu bahanganye n’igipolisi
 Tanzania: Abasiramu bahanganye n’igipolisi
				
				lundi 12 Myandagaro 2013
Abashigikiye umwe mu bigisha b’abasiramu bakomeye muri Tanzaniya, Sheikh Issa Ponda Issa, barasaba ko hokorwa amatohoza mu buryo yarashwe.
Abamushigikiye baravuga ko yarashwe n’abapolisi. Igipolisi kirahakana ko camurashe ariko kiremera ko yaronderwa kubera inyigisho z’urwanko yigisha. Sheikh Ponda ari mu bitaro vya Dar es Salaam aho acungiwe n’bapolisi bafise inkoho. Abategetsi bari maso kubera amakuru yavuga ko intagondwa z’abasilamu zishobora kuba ari zo zasheshe "acid" mu maso y’abagore 2 b’abongereza mu gisagara ca Zanzibar.
Joel Sengurebe
