Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tanzaniya : Abanyamwema basubiriye gutorwa ibiziga
 Tanzaniya : Abanyamwema basubiriye gutorwa ibiziga
 Tanzaniya : Abanyamwema basubiriye gutorwa ibiziga
				
				jeudi 19 Ruhuhuma 2015
Umwana w’umunyamwema yari yanyurujwe mu gihugu ca Tanzaniya yatowe ikiziga, bimwe mu bice vy’umubiri wiwe atabimuriko.
Uwo mwana avuka mu Burengero bwa Tanzaniya akaba yari yanyurujwe n’abantu batazwi, akaba yatowe ikiziga inyuma y’iminsi myinshi. Igiporisi ca Tanzaniya kikavuga ko catanguye amatohoza, ndetse bamwe mu muryango w’uyo munyamwema aha tukavuga nka se, sewabo, bose bariko barabazwa kuri iryo nyuruzwa. Abanyamwema rero bagera kuri 70 bakaba bamaze kwicwa kuva mu mwaka w’2000 nk’uko vyemezwa n’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu aho muri Tanzaniya.
Imvo z’inyuruzwa ndetse n’iyicwa ry’abo banyamwema, akaba ari abarozi n’abapfumu bahenda abantu, ko bimwe mu bihimba vyabo bantu, birimwo amafaranga menshi. Reta ya Tanzaniya ikaba yaraviriye hasi abarozi n’abapfumu, ariko bikavugwa ko abanyamwema bo, batoprohewe namba, kuko bagenda bakebaguzwa, batinya kwicwa.
Aristide Nizigire

Messages
21 Ruhuhuma 2015, 21:56
NI IVUMWE RYATEYE MW’ISI NGWABANTU BAMARANE,NTA BIHIMBA VY’UMUNTU BIVAMWO AMAFARANGA.