IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tanzaniya: Imigambwe yatanguye kwiyamamariza amatora y’umukuru (...)

Tanzaniya: Imigambwe yatanguye kwiyamamariza amatora y’umukuru w’igihugu

lundi 24 Myandagaro 2015

Ibikorwa vyo kwiyamamaza mu kibanza c’umukuru w’igihugu muri Tanzaniya yatanguye kuw’Imana igenekerezo rya 23 Myandagaro 2015, aho biboneka ko amatora y’uwuzosubirira Jakaya Kikwete azoba akomeye cane muri kahise k’iki gihugu.

Umugambwe uri ku butegetsi, CCM, watanguje ibikorwa vyo kwiyamamaza mu matora ategekanijwe kw’igenekerezo rya 25 Gitugutu 2015.Uwuzokwitoza muri ico kibanza John Magufuli yabwiye abashigikiye umugambwe CCM ko niyatorwa mu gisagara ca Dar es Salaam azohagarika ibiturire bibandanya kuhavugwa.

Magufuli yavuze ko azi neza ko abanyagihugu bakeneye ko igiturire no gukoresha nabi ubutunzi bwa Reta bituzwa burundu.

Yavuze ko niyatorwa azokomeza amasentare ku buryo azoshobora guhangana n’ikibazo c’igiturire .

Umugambwe CCM ryasa n’iryiganziye ikibuga ca Politiki muri Tanzaniya ,ryashinzwe mu mwaka w’1964, ubu rifise kimwe ca gatatu c’ibibanza mu nama nshingamateka.

Magufuli, w’imyaka 55 y’amavuko ni umwe mu bahabwa amahirwe yo gusubirira umukuru w’igihugu Jakaya Kikwete nawe yamaze kwerekana ko amushigikiye.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.