IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tanzaniya : Ihimbazwa ry’umunsi mukuru w’ukwikukira ryakuweho

Tanzaniya : Ihimbazwa ry’umunsi mukuru w’ukwikukira ryakuweho

mardi 24 Munyonyo 2015, par egide

Umukuru w’igihugu ca Tanzania, John Pombe Magufuli, abandanya gutangaza benshi mu ngingo z’impinduka afata, iyafashwe kuri uwu wa kabiri akaba ari iy’ugukuraho ibirori vyo guhimbaza umunsi wo kwikukira.

Mu myaka 50 abanyagihugu bo muri Tanzaniya bari bamaze bahimbaza uwo munsi, ntibazosubira guhurira hamwe kugira bumve amajambo, intambo kama, barorere ikarashishi ry’igisirikare hamwe n’utugenegene tw’indege.

Umukuru w’igihugu Magufuli yamenyesheje ko ashaka ko abanyagihugu ba Tanzaniya bazoza barahurira hamwe bagasukura amasoko, amashure hamwe n’ibibanza bihurirwamwo na benshi.

JPEG - 41.9 ko
John Pombe Magufuli, umukuru w’igihugu ca Tanzaniya

Uwujejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu, Gerson Msigwa, yamenyesheje ko amahera yokoreshejwe ku munsi w’ukwibuka ukwikukira kwa Tanzaniya (Uhuru Day), azoza arakoreshwa mu bikorwa vy’inyungu rusangi hamwe no kurwanya ingwara ya korera, ubukene hamwe n’ukwubaka utuzu twa surwumwe mu bibanza bihuriramwo na benshi bidafise utwo tuzu tw’ubwiherero.
Umukuru w’igihugu Magufuli ategekanya kandi ko amafaranga yahora akoreshwa muri uwo munsi mukuru yoza arafasha mu kugura ibikoresha vyo kwa muganga.

Iyo ngingo yafashwe n’umukuru w’igihugu wa Tanzaniya ni imwe mu ziheruka gufatwa zigamije kugabanya amahera Reta ya Tanzaniya ikoresha, zikaba zatangajwe n’uwo mukuru w’igihugu igihe yashikira ubutegetsi haciye indwi zitatu.

Mu ndwi iheze, yategetse ko amahera imiriyoni 100 z’amafaranga y’abanyamerika yokoreshejwe mu gutanguza ibikorwa vy’inama nshingamateka, yokoreshwa mu kugura ibitanda vy’ibitaro Muhimbili, inyuma yo kuhagira urugendo rutateguwe agasanga abarwayi baryamye hasi badafise uwubitaho.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.